17-23 Ntwarante
IMIGANI 5
Ururirimbo rwa 122 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)
1. Nuce kure ubusambanyi
(Imin. 10)
Ubusambanyi burashobora gukwegakwega umuntu (Img 5:3; w00 15/7 29 ing. 1)
Ubusambanyi buvamwo umubabaro n’ukwicuza (Img 5:4, 5; w00 15/7 29 ing. 2)
Nuce kure ubusambanyi (Img 5:8; w00 15/7 29 ing. 5)
2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
(Imin. 10)
-
Img 5:9—Ni gute ubusambanyi butuma umuntu aha «abandi icubahiro» ciwe? (w00 15/7 29 ing. 7)
-
Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
3. Igisomwa ca Bibiliya
(Imin. 4) Img 5:1-23 (th icigwa ca 5)
4. Gutanguza ikiyago
(Imin. 3) KU MUGARAGARO. Nutumire ku Cibutso umuntu atari umukirisu, uce umurabira kuri jw.org aho kizobera hafi yiwe. (lmd icigwa ca 6 iciyumviro ca 4)
5. Gukurikirana abashimishijwe
(Imin. 4) INZU KU NZU. Igihe muherukana, uwo muntu yarakiriye ubutumire bw’Icibutso kandi arerekana ko yashimishijwe. (lmd icigwa ca 9 iciyumviro ca 5)
6. Guhindura abantu abigishwa
(Imin. 5) lff icigwa ca 16: Incamake, Wize iki? na Umugambi wokwishingira. Igihe uwo mutohoji akubajije nimba Yezu yari yubatse, numwereke ingene yokwironderera inyishu. (lmd icigwa ca 11 iciyumviro ca 4)
Ururirimbo rwa 121
7. Nimufate ingingo zotuma muguma mudahumanye mu gihe co kureshanya
(Imin. 15) Guhana ijambo.
Mu kiringo co kureshanya, umusore n’inkumi baramarana umwanya kandi bakerekana ko bakundana. Ivyo boshobora kubigira haba igihe bari mu bandi canke bari ukwa bonyene, igihe ubugenzi bwabo buba buzwi canke butazwi canke igihe bayaga amaso mu yandi, kuri telefone canke bakandikiranira amamesaje. Ikiringo co kureshanya si ikiringo co kwinezereza, ahubwo ni intambwe ikomeye ishikana ku kwubakana. None ni ingingo zimwezimwe izihe abareshanije bofata, baba bakiri bato canke bakuze, kugira birinde kugwa mu busambanyi mu kiringo co kureshanya?—Img 22:3.
Nimurabe IVIDEWO Kwitegurira umubano—Igice ca 1: Noba ngeze gukundana?—Agace. Nuce ubaza uti:
-
Kubera iki umuntu adakwiye kuja mu vyo gukundana ataritegurira kwubaka? (Img 13:12; Lk 14:28-30)
-
Ni ibiki washimye ku kuntu abo bavyeyi bafashije umukobwa wabo?
Soma Imigani 28:26. Nuce ubaza uti:
-
Abariko barareshanya bokora iki kugira birinde ibintu vyotuma bagwa mu busambanyi?
-
Kubera iki ari vyiza ko abariko barareshanya baganira imbere y’igihe ivyo bokora n’ivyo bokwirinda mu kugaragarizanya igishika, nk’akarorero mu gufatana amaboko canke mu gusomana?
Soma Abanyefeso 5:3, 4. Nuce ubaza uti:
-
Ni ibiki abariko barareshanya bakwiye kwiyubarako igihe bayaga kuri telefone canke kuri internet?
8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero
(Imin. 30) bt ikig. 24 ing. 1-6