3-9 Ntwarante
IMIGANI 3
Ururirimbo rwa 8 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)
1. Niwerekane ko wizigira Yehova
(Imin. 10)
Niwizigire Yehova, ntiwiyizigire (Img 3:5; ijwbv ikiganiro 14 ing. 4-5)
Niwerekane ko wizigira Yehova mu kurondera ubuyobozi bwiwe no mu kubwisunga (Img 3:6; ijwbv ikiganiro 14 ing. 6-7)
Ntiwiyizigire (Img 3:7; be 76 ing. 4)
NIWIBAZE UTI: «Noba ndondera kuyoborwa na Yehova mu vyo nkora vyose?»
2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
(Imin. 10)
-
Img 3:3—Twobohera gute urukundo n’ubwizigirwa kw’izosi ryacu kandi tukavyandika ku gisate c’umutima wacu? (w06 15/9 17 ing. 6)
-
Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
3. Igisomwa ca Bibiliya
(Imin. 4) Img 3:1-18 (th icigwa ca 12)
4. Gutanguza ikiyago
(Imin. 3) INZU KU NZU. Niwishure ku majambo ahagarika ikiyago akunda kuvugwa aho iwanyu. (lmd icigwa ca 1 iciyumviro ca 5)
5. Gutanguza ikiyago
(Imin. 4) KU MUGARAGARO. Mubwire ibijanye n’urubuga rwacu, uce umuha agakarata ka jw.org. (lmd icigwa ca 3 iciyumviro ca 3)
6. Insiguro
(Imin. 5) w11 15/3 14 ing. 7-10—Umutwe: Niwizigire Imana igihe uhuye n’abatabinegwa mu ndimiro. (th icigwa ca 20)
Ururirimbo rwa 124
7. Niwerekane ko wizigira ishirahamwe rya Yehova
(Imin. 15) Guhana ijambo.
Vyoshobora kutworohera kwizigira ubuyobozi bwo mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe, ari ryo Bibiliya. Ariko, birashobora kutatworohera kwizigira ubuyobozi duhabwa n’abantu badatunganye batuja imbere mw’ishirahamwe rya Yehova, na canecane igihe tutabutahura canke tutabwemera.
Soma Malaki 2:7. Nuce ubaza uti:
-
Kubera iki bidatangaje kuba Yehova akoresha abagabo badatunganye ngo bayobore abasavyi biwe?
Soma Matayo 24:45. Nuce ubaza uti:
-
Kubera iki twokwizigira ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova?
Soma Abaheburayo 13:17. Nuce ubaza uti:
-
Kubera iki dukwiye gushigikira ingingo zifatwa n’abo Yehova yizigira ngo batuje imbere?
Nimurabe IVIDEWO Amakuru agezweho ya 9 avuye ku Nama Nyobozi (2021)—Agace. Nuce ubaza uti:
-
Ni gute ubuyobozi twaronse mu gihe c’ikiza bwatumye urushiriza kwizigira ishirahamwe rya Yehova?
8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero
(Imin. 30) bt ikig. 23 ing. 9-15, n’inzitiro ku rup. 210, 212