Ubuhindi: Icabona ariko abwira inkuru nziza umukobwa na nyina muri leta ya Bengale yo mu Burengero

AGATABU K’IKORANIRO RY'UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU Nyakanga 2016

Ingene twotanguza ibiyago

Ivyiyumviro vy’ingene twoshikiriza ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi be n’ukuri kwo muri Bibiliya kwerekana ko Imana itubabaye. Ufatiye kuri ubwo burorero niwitegurire uburyo bwawe.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

‘Gendera mw’itegeko rya Yehova’

Bisobanura iki kugendera mw’itegeko rya Yehova? Uwanditse Zaburi 119 ni akarorero keza kuri twebwe muri iki gihe.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Iyo tudodoye hakitaba umwana

Ingene twovyifatamwo neza kandi tukerekana ko twubaha abavyeyi b’umwana

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

“Ugutabarwa kwanje kuva kuri Yehova”

Zaburi 121 irakoresha imvugo ngereranyo mu kwerekana ingene Yehova adukingira.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Turemwe mu buryo bw’agatangaza

Muri Zaburi 139, Dawidi arashemeza Yehova kubera ibikorwa vyiwe vy’agatangaza bijanye n’irema.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Imitego wokwirinda igihe uyobora inyigisho

Ni ibiki dukwiye kwirinda kugira dukore ku mutima abo twigisha Bibiliya?

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

“Yehova arahambaye kandi ni uwo gushemezwa rwose”

Zaburi 145 irerekana ingene Dawidi yumvise amerewe kubera ukuntu Yehova yitwararika abasavyi biwe b’intahemuka.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro—Gutumira abantu ku makoraniro

Abashimishijwe hamwe n’abo twigisha Bibiliya baratera imbere ningoga iyo batanguye kwitaba amakoraniro.