Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Imitego wokwirinda igihe uyobora inyigisho

Imitego wokwirinda igihe uyobora inyigisho

Kuvuga menshi: Ntiwibaze ko ari wewe ubwirizwa gusigura akantu kose. Yezu yarakoresha ibibazo kugira afashe abantu kuzirikana no gushika ku ciyumviro c’ukuri. (Mt 17:24-27) Ibibazo biratuma ikiringo c’inyigisho kiryoha bikanagufasha kubona ivyo umutohoji atahura n’ivyo yemera. (be 253 ing. 3-4) Ubajije ikibazo, nurindire yishure. Atanze inyishu atari yo, numufashe kuyitora ukoresheje utundi tubazo aho kumubwira ivyo yari kwishura. (be 238 ing. 1-2) Nuvuge mu buryo bimworohera gutahura ivyiyumviro bishasha.be 230 ing. 4.

Kugumisha icigwa: Niwirinde kuvuga ibintu vyose uzi ku cigwa muriko muriga. (Yoh 16:12) Nushimike ku ciyumviro nyamukuru kiri mu ngingo. (be 226 ing. 4-5) Amakuru yiyongereye, mbere naho yoba ashimishije, arashobora gutuma iciyumviro nyamukuru gitakara. (be 235 ing. 3) Igihe umutohoji yatahuye neza iciyumviro nyamukuru, ca uja ku ngingo ikurikira.

Gupfa guheza amayagwa: Intumbero yacu ni iyo gukora ku mutima umutohoji si iyo guheza amayagwa. (Lk 24:32) Niwikore ku bubasha bw’Ijambo ry’Imana mu gushimika ku vyanditswe nyamukuru. (2Kr 10:4; Heb 4:12; be 144 ing. 1-3) Koresha ibigereranyo vyoroshe gutahura. (be 245 ing. 2-4) Nuzirikane ku ngorane uwo mutohoji afise canke ivyo yemera hama uhuze icigwa n’ivyo akeneye. Mubaze ibibazo nk’ibi: “Wiyumvira iki kuri ibi turiko turiga?” “Bitwigisha iki ku vyerekeye Yehova?” “Ubona hari ico vyokumarira ushize mu ngiro iyi mpanuro?”be 238 ing. 3-5; 259 ing. 1.