Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ZABURI 135-141

Turemwe mu buryo bw’agatangaza

Turemwe mu buryo bw’agatangaza

Dawidi yarazirikana kuri kamere nziza z’Imana zibonekera mu vyo yaremye. Yarizigiye Yehova aramukorera ubuzima bwiwe bwose.

Dawidi amaze kuzirikana cane ku vyaremwe, yaciye avyurirwa umutima wo gushemeza Yehova:

139:14

  • “Nzoguhaya kuko ndemwe mu buryo bw’agatangaza buteye ubwoba”

139:15

  • “Amagufa yanje ntiwayanyegejwe igihe nahingurirwa mw’ibanga, igihe najishirwa mu bihimba vy’epfo rwose vy’isi”

139:16

  • “Amaso yawe yarambonye nkiri inda y’agasamo, kandi mu gitabu cawe ibihimba vyanje vyose vyari vyanditswe”