Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro—Gutumira abantu ku makoraniro

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro—Gutumira abantu ku makoraniro

IGITUMA BIHAMBAYE: Amakoraniro yama aturonsa akaryo ko ‘kuririmbira Yehova’ no ‘kumushemeza.’ (Zb 149:1) Ku makoraniro turigishwa gukora ivyo Imana igomba. (Zb 143:10) Abashimishijwe hamwe n’abo twigisha Bibiliya baratera imbere ningoga iyo batanguye kwitaba amakoraniro.

UKO WOBIGIRA:

  • Ntutebe gutumira umuntu ku makoraniro. Si ngombwa ngo inyigisho irinde gushinga imizi.Ivy 22:17

  • Sigurira uwashimishijwe ivyo azobona niyaza ku makoraniro umubwire n’ivyo muzohigira. Bimwe mu bikoresho wokwikorako ni ibi: Ubutumire bw’amakoraniro y’ishengero, ka kavidewo kavuga ngo Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga, hamwe n’icigwa ca 5 n’ica 7 vyo mu gatabu Ivyo Yehova agomba

  • Gira ico umufashije. Mubaze nimba yoba akeneye uburyo bwo kwiyunguruza canke yipfuza kumenya impuzu zibereye yokwambara. Nimwicarane ku makoraniro, uze uramwereka mu bitabu vyawe. Mwereke abandi bamumenye