NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO | NUKORE IVYOTUMA WONGEREZA UMUNEZERO MU BUSUKU
Niwemere gufashwa n’abakozi bagenzawe
Kugira Yehova adufashe, yaraturonkeje “umuryango” w’abavukanyi na bashiki bacu. (1Pt 5:9) Barashobora kudufasha gutsinda intambamyi tugira mu busuku. Nk’akarorero, intumwa Paulo yarungukiye ku gufashwa na Akwila na Pirisila, Silasi, Timoteyo n’abandi.—Ivk 18:1-5.
Abo dusangiye ukwemera bogufasha gute mu busuku? Barashobora kuguha ivyiyumviro ngirakamaro vyogufasha gutsinda amajambo ahagarika ikiyago, kugira amasubirayo canke gutanguza no kuyobora inyigisho za Bibiliya. Niwiyumvire umuntu wo mw’ishengero yoshobora kuguha imfashanyo ukeneye maze uyimusabe. Nta gukeka ko bizotuma mwese muhungukira kandi mugahimbarwa.—Fp 1:25.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NIWIRONKERE UMUNEZERO WO GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA: NIWEMERE YEHOVA AGUFASHE—ABAVUKANYI BACU, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
-
Neeta yagerageje gute kuremesha Jade kwitaba ikoraniro?
-
Kubera iki dukwiye gutumira abandi bamamaji ngo baduherekeze ku nyigisho ya Bibiliya?
-
Ni ibiki Abigay na Jade bari bahuriyeko?
-
Ni ubuhanga ubuhe abo dusangiye ukwemera bashobora kukwigisha mu ndimiro?