Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nubandanye kumenyereza ububasha bwawe bwo gutegera

Nubandanye kumenyereza ububasha bwawe bwo gutegera

Umunonotsi ategerezwa kubandanya yimenyereza kugira agumane ubuhanga. Na twebwe dutegerezwa kubandanya twihatira kumenyereza no kugumana ububasha bwacu bwo gutegera. (Heb 5:14) Vyoshika tukumva umengo twopfa gufata ingingo nk’iyo abandi bafashe. Aho kubigenza gutyo, dukwiye kumenyereza ububasha bwacu bwo kwiyumvira, maze tukifatira ingingo. Uti kubera iki? Kubera ko umwe wese azokwibarizwa ibijanye n’ingingo yafashe.​—Rm 14:12.

Ntidukwiye kwibwira ko tuzofata ingingo nziza kubera gusa tumaze imyaka myinshi tubatijwe. Kugira dufate ingingo nziza, dutegerezwa kwisunga Yehova, Ijambo ryiwe n’ishirahamwe ryiwe.​—Yos 1:7, 8; Img 3:5, 6; Mt 24:45.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO ‘MUGUMANE IJWI RYO MU MUTIMA RYIZA,’ MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ni ingingo iyihe Emma yabwirizwa gufata?

  • Kubera iki dukwiye kwirinda kubwira abandi aho duhagaze ku bijanye n’ibibazo vyega ijwi ryo mu mutima?

  • Ni impanuro nziza iyihe umugabo umwe n’umugore wiwe bahaye Emma?

  • Emma yakuye he amakuru ngirakamaro yerekeye ingorane yari afise?