UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Nugumize imbere Yehova mu buzima bwawe
Igihe dukeneye akazi, kugumiza Ubwami n’ubugororotsi bw’Imana mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu birashobora kutubera urugamba. Twoshobora kwumva umenga twokwemera akazi katubuza gukorera Yehova canke karenga ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ariko turashobora guhera amazinda ko Yehova yerekana inkomezi ziwe “ku bw’abafise umutima ukwiye kuri we.” (2Ng 16:9) Nta na kimwe gishobora kubuza Umuvyeyi wacu munyarukundo kudufasha no kuturonsa ivyo dukeneye. (Rm 8:32) Ku bw’ivyo, igihe dufata ingingo ku bijanye n’akazi turakwiye kwizigira Yehova, kumukorera bikaba ari vyo tugumiza imbere mu buzima bwacu.—Zb 16:8.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NUKORERE YEHOVA ATA KWIZIGANYA, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
-
Kubera iki Jason yanse igiturire?
-
Twoshira mu ngiro gute ibivugwa mu Bakolosayi 3:23?
-
Akarorero keza ka Jason kafashije gute Toma?
-
Twoshira mu ngiro gute ibivugwa muri Matayo 6:22?