Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO | NUKORE IVYOTUMA WONGEREZA UMUNEZERO MU BUSUKU

Nukoreshe ibikoresho vy’ubushakashatsi

Nukoreshe ibikoresho vy’ubushakashatsi

Yehova araturonsa ibikoresho bidufasha kwigisha tubigiranye ubuhanga, nk’amavidewo, udupapuro tw’inkuru nziza, ibinyamakuru, udutabu, ibitabu, na ca gikoresho cacu nyamukuru ari co Bibiliya. (2Tm 3:16) Araturonsa kandi ibikoresho vy’ubushakashatsi bidufasha kumenya ingene twosigura Ivyanditswe. Muri ivyo harimwo ya programa ya Watchtower Library, ka gaprograma ka JW Library®, ca Cegeranyo c’ibitabu co kuri internet, na ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova.

Igihe ukoresheje ibikoresho vyose vy’ubushakashatsi ushobora kuronka kugira wimbe muri Bibiliya, urironkera umunezero. Niwereke abo wigisha ingene bokoresha ivyo bikoresho. Ivyo bizotuma na bo bironkera umunezero wo kuronka inyishu z’ibibazo bafise bishingiye kuri Bibiliya.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NIWIRONKERE UMUNEZERO WO GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA: NIWEMERE YEHOVA AGUFASHE​—GUKORESHA IBIKORESHO VY’UBUSHAKASHATSI, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ni amajambo ayahe Jade yavuze yerekana ko adashigikiye irema?

  • Neeta yakuye hehe ivyiyumviro bijanye n’ico kibazo?

  • Kuronka ivyiyumviro vyo muri Bibiliya no kubisangira n’abandi biraturonsa umunezero

    Yacaguye gute ivyiyumviro bishobora gufasha Jade?

  • Gukoresha ibikoresho vy’ubushakashatsi vyafashije gute Neeta?