UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Nukoreshe mu ndimiro igitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera
Turahimbawe cane no kuba dufise agatabu gashasha n’igitabu gishasha dukoresha mu kuyobora inyigisho za Bibiliya! Dusenga dusaba Yehova ko yohezagira utwigoro tugira two guhindura abandi bantu benshi abigishwa. (Mt 28:18-20; 1Kr 3:6-9) None ivyo bikoresha bishasha twobikoresha gute?
Kubera ko uburyo bwo kwigisha abantu igitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera ari bushasha, niwisunge ubu buyobozi bw’ishimikiro igihe utegura n’igihe uyobora inyigisho za Bibiliya. *
-
Nimusome amayagwa, muganire no ku bibazo vyatanzwe
-
Nimusome ivyanditswe musabwa gusoma, uce ufasha umutohoji kubona isano bifitaniye n’ivyo muriko muriga
-
Nimurabe amavidewo muce muyaganirako mukoresheje ibibazo vyatanzwe
-
Nimugerageze kwigira rimwe icigwa cose
Mu ndimiro, nubanze ushikirize agatabu kugira urabe ko umuntu ashimishwa. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ingene woshikiriza agatabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera mugihura n’umuntu.”) Murangije kwiga ako gatabu n’umutohoji, akaba yipfuza kubandanya, numuhe igitabu muce mutangurira ku cigwa ca 04. Nimba usanzwe wiga n’umuntu igitabu Bibiliya itwigisha iki? canke Nugume mu rukundo rw’Imana, nimuce mwimukira mu gitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera maze uhitemwo icigwa mukwiye guherako.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO KAZE WIGE BIBILIYA, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
-
Ni ibiki abatohoji bazokwiga muri ico gitabu gishasha?
-
Kubera iki ukwiye kwereka iyo videwo umutohoji mushasha?
-
Ni imigambi iyihe woremesha umutohoji kwishingira no gushikako intambwe ku yindi?—Raba igicapo kivuga ngo “ Ivyo buri gice cibandako n’imigambi bijanye”
^ ing. 4 IBIMENYESHEJWE: Igice kivuga ngo “Rondera n’ibindi” mwoshobora kukirimburira hamwe n’umutohoji canke ntimubigire. Naho ari ukwo, igihe utegura nusome amayagwa yose yatanzwe muri ico gice, urabe n’amavidewo ahari. Ivyo bizogufasha kumenya ivyoshimisha uwo mutohoji kandi bikamufasha. Ivyo mu buhinga bwa none usanga birimwo ahantu ufyonda kugira urabe amavidewo n’ayandi mayagwa yatanzwe.
IVYO BURI GICE CIBANDAKO N’IMIGAMBI BIJANYE |
|||
---|---|---|---|
IVYIGWA |
IVYO CIBANDAKO |
IMIGAMBI |
|
01-12 |
Kirerekana ukuntu Bibiliya ishobora kugufasha be n’ingene womenya uwo ikomokako |
Nuremeshe umutohoji gusoma Bibiliya, gutegura ivyo mwiga no gutangura kwitaba amakoraniro |
|
13-33 |
Kirerekana ivyo Imana yadukoreye hamwe n’uburyo bwo gusenga buyihimbara |
Nuremeshe umutohoji kubwira abandi ivyo ariko ariga no kuba umwamamaji |
|
34-47 |
Kirerekana ivyo Imana yiteze ku basavyi bayo |
Nuremeshe umutohoji kwiyegurira Yehova no kubatizwa |
|
48-60 |
Kirerekana ukuntu twoguma mu rukundo rw’Imana |
Niwigishe umutohoji gutandukanya iciza n’ikibi no kurushiriza kwiyegereza Yehova |