UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Imice ngirakamaro iri mu gitabu Kwiberaho ibihe bidahera
Woba uhimbarwa no gukoresha amavidewo n’ibibazo bisaba ko umuntu aserura iryo agona dusanga mu gitabu Kwiberaho ibihe bidahera? Bite ho ku mice ivuga ngo “Hari abavuga bati,” “Umugambi wokwishingira,” na “Rondera n’ibindi”? Ni iyindi mice iyihe woshobora gusanga ifasha igihe uriko urakora igikorwa co guhindura abantu abigishwa?—Mt 28:19, 20.
Ibiganiro n’amavidewo: Igihe uhisemwo kuyobora inyigisho ya Bibiliya ukoresheje igitabu co mu mpapuro, ni gute woshikira bitagoranye amavidewo n’ibindi biganiro mu kibanza kimwe? Mu gitabu co mu buhinga bwa none, nufyonde kuri kimwe mu bice bine bikigize. Munsi y’urutonde rw’ibiganiro biri muri ico gice, nufyonde ahavuga ngo Ibiganiro n’amavidewo. (Raba ishusho ya 1.)
Igice kivuga ngo “Mode image”: Nimba muriko muriga n’umuntu ukoresheje akuma ko mu buhinga bwa none, hari aho wobona ko vyofasha ugiye uraja aherekana ingene ibisohorwa mu mpapuro biza bimeze mu gice “Mode image.” Nufyonde ku tuburungu dutatu turi hejuru kuri ico cigwa, uce uhitamwo ahanditse ngo “Mode image.” Ukwo kuntu amayagwa atunganijwe kwogufasha kugumiza mu bwenge ukuntu ivyo muriko muriga bifitaniye isano n’umutwe nyamukuru w’ico cigwa. Ushaka kubisubiza uko vyari bimeze, subira kuri twa tuburungu dutatu hama ufyonde “Mode text.”
“Noba ngeze?”: Izo nzitiro ziri amaja ku mpera y’ico gitabu, zikaba zivuga muri make ibintu vy’ishimikiro bisabwa kugira ngo umuntu yamamaze yifatanije n’ishengero no kugira abatizwe. (Raba ifoto ya 2.)
Utujambo two ku mpera: Utujambo two ku mpera turatanga insiguro z’ivyiyumviro bimwebimwe bihambaye. Mu gitabu co mu buhinga bwa none, akajambo ko ku mpera karangiye baraguha inzira ufyondako kugira usubire aho wari ugeze mu cigwa. (Raba ifoto ya 2.)
Niwiyemeze kwigisha abatohoji batera imbere igitabu Kwiberaho ibihe bidahera gushika mugisozereye, naho boba babatijwe batarakirangiza. Urashobora kubandanya uharura umwanya, amasubirayo n’inyigisho mbere no mu gihe yoba yarabatijwe. Nimba hari umwamamaji mwajanye kandi akaba yagize uruhara muri iyo nyigisho, arashobora na we nyene guharura uwo mwanya.