UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Gushika izuka ribaye
Igihe uwacu apfuye, icizigiro c’izuka kiraduhumuriza. Naho ari ukwo, igicumuro n’urupfu bimeze nk’igitwikiro kitubuza ihemero twese. (Yes 25:7, 8) Ico ni co gituma “ivyaremwe vyose biguma binihira hamwe kandi bikababarira hamwe.” (Rm 8:22) Twokwihanganira gute umubabaro wo kubura abacu gushika izuka ribaye? Ijambo ry’Imana ririmwo impanuro zodufasha.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO IGIHE UWAWE APFUYE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
-
Danielle, Masahiro na Yoshimi bagize intuntu ingana iki?
-
Ivyo vyiyumviro ngirakamaro bitanu vyabafashije gute?
-
Ni nde aduhoza mu buryo bwiza kuruta abandi bose?—2Kr 1:3, 4.