Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Nushemeze Yehova kubera ubukerebutsi bwiwe

Nushemeze Yehova kubera ubukerebutsi bwiwe

Yehova yarahaye Salomo ubukerebutsi budasanzwe (1Bm 10:1-3; w99 1/7 30 ing. 6)

Umwamikazi wa Sheba yarajorewe abonye ubukerebutsi Yehova yahaye Salomo (1Bm 10:4, 5; w99 1/11 20 ing. 6)

Umwamikazi wa Sheba yarashemeje Yehova kubera yimitse Salomo ngo abe umwami (1Bm 10:6-9; w99 1/7 30-31)

Cokimwe n’uwo mwamikazi wa Sheba, turashobora kwerekana ko duha agaciro ubukerebutsi Imana ifise. Twovyerekana gute? Uburyo bumwe ni mu gushira mu ngiro ivyo Yezu yigishije mu buzima bwacu kandi tukihatira kwigana akarorero kiwe. (Mt 12:42; 1Pt 2:21) Ubundi buryo ni mu kubwira abandi mu ndimiro ubukerebutsi Imana ifise.