Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

16-22 Nyakanga

ZABURI 85-87

16-22 Nyakanga

Ururirimbo rwa 41 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Isengesho riradufasha kwihangana

(Imin. 10)

Nusabe Yehova aguhe umunezero (Zb 86:4)

Nusabe Yehova agufashe kuguma uri intahemuka (Zb 86:​11, 12; w12 15/5 25 ing. 10)

Niwizigire ko Yehova azokwishura amasengesho yawe (Zb 86:​6, 7; w23.05 13 ing. 17-18)


NIWIBAZE UTI: «Igihe ndi mu ngorane, noba ntura amasengesho maremare kandi ngasenga kenshi?» —Zb 86:3.

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 86:11—Isengesho Dawidi yatuye ryerekana iki ku bijanye n’umutima w’umuntu? (it-1 492 ing. 2)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) AKARYO KIZANYE. Numusabe mwige Bibiliya. (lmd icigwa ca 3 iciyumviro ca 5)

5. Gukurikirana abashimishijwe

(Imin. 4) AKARYO KIZANYE. Nusabe kwigisha Bibiliya umuntu aheruka kukubwira ko arajwe ishinga n’ikintu kiriko kiraba. (lmd icigwa ca 7 iciyumviro ca 4)

6. Guhindura abantu abigishwa

(Imin. 5) lff icigwa ca 15 iciyumviro ca 5. Nimutunganye ingene iyo nyigisho izokwiga mu ndwi iza igihe uzoba utahari. (lmd icigwa ca 10 iciyumviro ca 4)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 83

7. Ntuhebe

(Imin. 5) Guhana ijambo.

Nimurabe IVIDEWO. Nuce ubaza uti:

  • Kubera iki vyoshika tukumva twoheba kwamamaza?

  • Kubera iki tudakwiye guheba?

8. Nugume ugerageza gutanguza inyigisho za Bibiliya

(Imin. 10) Guhana ijambo.

Muri iri sekeza ridasanzwe ririko riraba muri uku kwezi, woba umaze gutanguza inyigisho ya Bibiliya ukoresheje agatabu Kwiberaho ibihe bidahera? Nimba warayitanguje ushobora kuba uhimbawe cane! Kandi ivyo bishobora kuba vyararemesheje n’abandi. Ariko nimba bitarakunda ko utanguza inyigisho ya Bibiliya, ushobora kuba wiyumvira ko utwigoro twawe twabaye impfagusa. Wokora iki nimba ivyo vyaraguciye intege?

Nimurabe IVIDEWO ‘Turerekana ko turi abasuku b’Imana . . . mu kwihangana’—Igihe twamamaza. Nuce ubaza uti:

  • Ibivugwa mu 2 Abakorinto 6:​4, 6 vyodufasha gute igihe tubona umengo utwigoro tugira mu busuku nta co tuvamwo?

  • Ni ibiki wohindura igihe ubona ko wagerageje gutanguza inyigisho za Bibiliya ariko bikanka?

Niwibuke ko umunezero wacu utavana n’igitigiri c’inyigisho za Bibiliya twatanguje canke tuyobora. Ahubwo tugira umunezero kubera tuzi ko Yehova ashima utwigoro tugira. (Lk 10:​17-20) Rero nubandanye kugira uruhara muri iri sekeza ridasanzwe n’umutima wawe wose, uzi ko «akuya [ubira] atari ak’ubusa mu Mukama.»—1Kr 15:58.

9. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 39 n’isengesho