2-8 Nyakanga
ZABURI 79-81
Ururirimbo rwa 29 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)
1. Niwerekane ko ukunda izina rya Yehova rininahaye
(Imin. 10)
Niwirinde gukora ibintu bidatera iteka Yehova (Zb 79:9; w17.02 9 ing. 5)
Niwambaze izina rya Yehova (Zb 80:18; ijwbv 3 ing. 4-5)
Yehova araha impera nini aberekana ko bakunda izina ryiwe mu kumugamburukira (Zb 81:13, 16)
2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
(Imin. 10)
-
Zb 80:1—Kubera iki izina rya Yozefu rimwe na rimwe ryakoreshwa mu kwerekeza ku miryango yose ya Isirayeli? (it-2 53)
-
Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
3. Igisomwa ca Bibiliya
(Imin. 4) Zb 79:1–80:7 (th icigwa ca 10)
4. Gutanguza ikiyago
(Umun. 1) INZU KU NZU. Numusabe mwige Bibiliya. (lmd icigwa ca 4 iciyumviro ca 4)
5. Gutanguza ikiyago
(Imin. 3) AKARYO KIZANYE. Numusabe mwige Bibiliya. (lmd icigwa ca 4 iciyumviro ca 3)
6. Gutanguza ikiyago
(Imin. 2) KU MUGARAGARO. Numusabe mwige Bibiliya. (lmd icigwa ca 3 iciyumviro ca 3)
7. Gukurikirana abashimishijwe
(Imin. 5) INZU KU NZU. Nusabe kwigisha Bibiliya umuntu ashimishijwe mugabo akaba yarigeze kuvyanka. (lmd icigwa ca 8 iciyumviro ca 3)
Ururirimbo rwa 10
8. «Bazokweza izina ryanje»
(Imin. 15) Guhana ijambo.
Shetani yatanguye gusiga iceyi izina rya Yehova muri Edeni. Kuva ico gihe, ibiremwa vyose bifise ubwenge bibwirizwa kwerekana aho bihagaze ku kibazo gihambaye kijanye no kwemeza izina rya Yehova.
Raba bikeyi mu binyoma bikomeye Shetani yavuze ku vyerekeye Yehova. Amwagiriza ko ari umutegetsi mubi adakundana. (It 3:1-6; Yb 4:18, 19) Avuga ko abasavyi ba Yehova batamukunda vy’ukuri. (Yb 2:4, 5) Mbere yaratumye abantu amamiliyoni bemera ko Yehova atari Umuremyi w’iyi si nziza tubako.—Rm 1:20, 21.
Ivyo binyoma bituma wiyumva gute? Kumbure bituma wumva wohaguruka ukaburanira Yehova! Yehova yari azi ko abasavyi biwe bokwipfuje kugira ico baterereye kugira izina ryiwe ryezwe. (Gereranya na Yesaya 29:23.) None ni ibiki wokora?
-
Nufashe abandi kumenya Yehova no kumukunda. (Yoh 17:25, 26) Niwame witeguriye gutanga ibimenyamenya vy’uko Yehova abaho no kwigisha abandi kamere ziwe.—Yes 63:7
-
Nukunde Yehova n’umutima wawe wose. (Mt 22:37, 38) Nugamburuke amabwirizwa ya Yehova, atari gusa kubera bikugirira akamaro, ariko kubera wipfuza kumuhimbara.—Img 27:11
Nimurabe IVIDEWO Urukundo ntirwigera runanirwa naho woba . . . Ugirwako akosho kabi kw’ishure. Nuce ubaza uti:
-
Ariel na Diego baburaniye gute izina rya Yehova?
-
Ni igiki catumye baja ku ruhande rwa Yehova?
-
Twobigana gute?
9. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero
(Imin. 30) bt ikig. 15 ing. 1-7 n’intangamarara y’igihimba ca 6