Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

23-29 Nyakanga

ZABURI 88-89

23-29 Nyakanga

Ururirimbo rwa 22 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Ubutegetsi bwa Yehova ni bwo bwiza kuruta ubundi

(Imin. 10)

Ubutegetsi bwa Yehova burangwa n’ubutungane nyakuri (Zb 89:14; w17.06 28 ing. 5)

Ubutegetsi bwa Yehova butuma abantu bagira umunezero nyakuri (Zb 89:​15, 16; w17.06 29 ing. 10-11)

Ubutegetsi bwa Yehova buzokwamaho ibihe vyose (Zb 89:​34-37; w14 15/10 10 ing. 14)

Kuzirikana ku kuntu Yehova ategeka mu buryo budasanzwe birashobora kudufasha kuguma ata ho duhengamiye mu mpari za politike

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 89:37—Ni itandukaniro irihe riri hagati y’ubwizigirwa n’ukudahemuka? (cl 281 ing. 4-5)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) KU MUGARAGARO. Nusabe kwigisha Bibiliya umuntu atigeze aba umukirisu. (lmd icigwa ca 5 iciyumviro ca 5)

5. Gukurikirana abashimishijwe

(Imin. 4) INZU KU NZU. Numubaze ko womwereka ukuntu twigisha abantu Bibiliya. (th icigwa ca 9)

6. Gusigura ivyo wemera

(Imin. 5) Insiguro. ijwbq 181—Umutwe: Ni ibiki bivugwa muri Bibiliya? (th icigwa ca 2)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 94

7. Ingingo ngenderwako za Yehova ni zo nziza kuruta izindi

(Imin. 10) Guhana ijambo.

Abantu benshi usanga babona ko ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zijanye n’igitsina hamwe n’umubano w’abubatse zirenza urugero kandi ko zataye igihe. Woba warajijutse ko gukurikiza ingingo ngenderwako za Yehova vyama bikugirira akamaro?—Yes 48:​17, 18; Rm 12:2.

Bibiliya yigisha ko abirengagiza amategeko y’Imana agenga inyifato runtu «[bata]zotorana Ubwami bw’Imana.» (1Kr 6:​9, 10) None ico ni co conyene cotuma dukurikiza ingingo ngenderwako z’Imana?

Nimurabe IVIDEWO Imvo zituma twizera—Nahisemwo kwisunga ingingo ngenderwako z’Imana. Nuce ubaza uti:

  • Ingingo ngenderwako z’Imana zigenga inyifato runtu zidukingira gute?

8. Ibikenewe iwanyu

(Imin. 5)

9. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 133 n’isengesho