Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

28 Gitugutu–3 Munyonyo

ZABURI 103-104

28 Gitugutu–3 Munyonyo

Ururirimbo rwa 30 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. «Aribuka ko turi umukungugu»

(Imin. 10)

Impuhwe za Yehova zituma atadadaza (Zb 103:8; w23.07 21 ing. 5)

Igihe dukoze amakosa ntaca aduheba (Zb 103:​9, 10; w23.09 6-7 ing. 16-18)

Ntatwitegako ibirenze ivyo dushoboye (Zb 103:14; w23.05 26 ing. 2)

NIWIBAZE UTI: «Noba nigana ukuntu Yehova atadadaza mu kuntu mfata uwo twubakanye?»

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 104:24—Uwu murongo utwigisha iki ku bijanye n’ububasha bwa Yehova bwo kurema? (cl 55 ing. 18)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) KU MUGARAGARO. (lmd icigwa ca 3 iciyumviro ca 4)

5. Gukurikirana abashimishijwe

(Imin. 4) INZU KU NZU. Nimuganire kw’ividewo Kaze wige Bibiliya n’umuntu yemeye kwiga Bibiliya. (th icigwa ca 9)

6. Insiguro

(Imin. 5) lmd inyongera ya A iciyumviro ca 6—Umutwe: Umugabo akwiye «gukunda umugore wiwe nk’uko yikunda.» (th icigwa ca 1)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 44

7. Woba uzi aho ugarukiriza?

(Imin. 15) Guhana ijambo.

Gukorera Yehova uko dushoboye kwose biramuhimbara kandi bigatuma natwe duhimbarwa. (Zb 73:28) Ariko kurondera gukora ibirengeye ivyo dushoboye, birashobora gutuma tugira amaganya adakenewe kandi tugacika intege.

Nimurabe IVIDEWO Turashobora gukora vyinshi igihe twiteze ibitegereka. Nuce ubaza uti:

  • Yehova atwitezeko iki? (Mik 6:8)

  • Ni igiki cafashije urya mushiki wacu akiri muto kugabanya amaganya kugira ashikire umugambi wiwe?

8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 55 n’isengesho