Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

30 Nyakanga–6 Gitugutu

ZABURI 90-91

30 Nyakanga–6 Gitugutu

Ururirimbo rwa 140 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Niwizigire Yehova kugira uzobeho igihe kirekire

(Imin. 10)

Twebwe abantu ntidushobora kwongereza ikiringo c’ubuzima bwacu (Zb 90:10; wp19.3 5 ing. 2-4)

Yehova ni uwo «kuva ibihe bidahera gushika ibihe bidahera» (Zb 90:2; wp19.1 5, uruzitiro)

Arashoboye guha ubuzima budahera abamwizigira bose kandi azobubaha (Zb 21:4; 91:16)

Ntiwonone ubucuti ufitaniye na Yehova mu kwemera kuvurwa mu buryo budahuye n’ingingo ngenderwako ziwe.—w22.06 18 ing. 16-17.

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 91:11—Ni gute twogira uburimbane mu bijanye n’ukuntu abamarayika badufasha? (wp17.5 5)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) AKARYO KIZANYE. Utiriwe uravuga ibijanye na Bibiliya, nutume uwo muntu akubwira ibimuraje ishinga ku buryo uca ubona ingene Bibiliya yomufasha mu buzima bwiwe. (lmd icigwa ca 1 iciyumviro ca 3)

5. Gutanguza ikiyago

(Imin. 4) AKARYO KIZANYE. (lmd icigwa ca 1 iciyumviro ca 4)

6. Insiguro

(Imin. 5) lmd inyongera ya A iciyumviro ca 5—Umutwe: Urashobora kwiberaho ibihe bidahera kw’isi. (th icigwa ca 14)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 158

7. Nuhe agaciro ingene Imana igwije ukwihangana: Ukuntu Yehova abona umwanya

(Imin. 5) Guhana ijambo.

Nimurabe IVIDEWO. Nuce ubaza uti:

  • Kurimbura ukuntu Yehova abona umwanya vyodufasha gute kurindira ivyo yadusezeraniye twihanganye?

8. Ibirangurwa n’ishirahamwe vyo muri Nyakanga

9. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 68 n’isengesho