Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro—Gucira inzira isubirayo

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro—Gucira inzira isubirayo

IGITUMA BIHAMBAYE:

Twipfuza kuvomera imbuto z’ukuri tubiba. (1Kr 3:6) Igihe duhuye n’umuntu agashimishwa biraba vyiza tumusigiye ikibazo tuzoganirako tugarutse. Ivyo bizotuma yipfuza kumenya n’ibindi vyongere bitume tworoherwa no gutegura isubirayo. Igihe dusubiye kugendera umuntu, turashobora kuvuga ko twari tuje kumwishura ca kibazo twaraza.

UKO TWOBIGIRA:

  • Igihe utegura kuja kwamamaza inzu ku nzu, nutegure n’ikibazo uzogaruka kwishura. Gishobora kuba ari ikibazo cishurwa muri ico gisohokayandikiro nyene uba uriko urashikiriza, canke kikaba cishurwa mu bindi bisohokayandikiro vyacu vy’ukwiga utegekanya kuzomuha ugarutse.

  • Igihe usozera ikiyago n’umuntu yashimishijwe, numumenyeshe ko wipfuza gusubira kuyaga na we maze uce umusigira ca kibazo wategura. Nimuvugane ukuntu womutora.

  • Umuhaye isango ry’aho uzogarukira nuryubahirize.Mt 5:37.