Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Twibuke gusabira abavukanyi bacu bari mu ruhamo

Twibuke gusabira abavukanyi bacu bari mu ruhamo

Bibiliya yari yaravuze ko Shetani yoduhamye arondera kubuza igikorwa cacu. (Yoh 15:20; Ivy 12:17) Twofasha iki abavukanyi bacu bariko barahamwa mu bindi bihugu? Turashobora kubasabira. “Ugutakamba kw’umugororotsi, igihe gukora, kugira inguvu nyinshi.”Yak 5:16.

None twosaba iki Yehova? Twomusaba ngo ahe abavukanyi bacu umutima rugabo, ntibagire ubwoba. (Yes 41:10-13) Turashobora no gusabira abategetsi ngo babone neza igikorwa cacu, “kugira ngo tubandanye kugira ubuzima butekanye kandi buri mu mahoro.”1Tm 2:1, 2.

Igihe Paulo na Petero bahamwa, abakirisu bo mu kinjana ca mbere barabasabiye ku Mana badomako amazina yabo. (Ivk 12:5; Rm 15:30, 31) Naho tutazi amazina y’abariko barahamwa bose, turashobora kuvuga izina ry’ishengero, igihugu canke akarere barimwo.

Andika ibihugu birimwo abavukanyi bariko barahamwa wipfuza gusabira.