Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YESAYA 34-37

Ukwizera kwa Hezekiya ntikwabaye ukw’ubusa

Ukwizera kwa Hezekiya ntikwabaye ukw’ubusa

Umwami Senakeribu wa Ashuri yararungitse Rabushake i Yeruzalemu ngo asabe ko ico gisagara cishikana. Kugira batume Abayuda bishikana batarinze kurwana, Abashuri barakoresheje ivyiyumviro bitandukanye. Baragerageje:

  • Kubereka ko bari ukwa bonyene, ngo Misiri nta co izobafasha.—Yes 36:6

  • Kubateramwo inkeka, ngo Yehova ntazobarwanira kubera ko atakibashima.Yes 36:7, 10

  • Kubatera ubwoba, ngo ntibashobora gutsinda ingabo zikomeye z’Abashuri.Yes 36:8, 9

  • Kubosha nabi, ngo bishikanye ku Bashuri bazoca babaho neza.Yes 36:16, 17

Hezekiya yaguma yizeye Yehova

37:1, 2, 14-20, 36

  • Yarakoze ivyo ashoboye kugira yitegurire ugusugerezwa n’Abashuri

  • Yarasavye Yehova ngo abarokore yongera aremesha abanyagihugu ngo na bo babigire

  • Ukwizera kwiwe ntikwabaye ukw’ubusa kuko Yehova yarungitse umumarayika akica abasoda b’Abashuri 185.000 mw’ijoro rimwe