1-7 Nzero
MATAYO 1-3
Ururirimbo rwa 14 n’isengesho
Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Ubwami bwo mw’ijuru buregereje”: (Imin. 10)
[Erekana akavidewo kavuga Incamake y’igitabu ca Matayo.]
Mt 3:1, 2—Yohani Umubatizi yaramenyesheje ko uwobaye Umwami w’Ubwami bwo mw’ijuru yari yimirije gushika (“yamamaza,” “Ubwami,” “Ubwami bwo mw’ijuru,” “bwegereje” amakuru adufasha kwiga Mt 3:1, 2, nwtsty)
Mt 3:4—Yohani Umubatizi yari umuntu aciye bugufi, yihebeye igikorwa c’Imana gusa (“Ingene Yohani Umubatizi yambara n’ingene yaboneka,” “Inzige,” “Ubuki bwo mw’ishamba” amashusho ajanye na Mt 3:4, nwtsty)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)
Mt 1:3—Ni kubera iki mu rutonde rwa ba sekuruza ba Yezu ruri muri Matayo havugwamwo abagore batanu? (“Tamari” amakuru adufasha kwiga Mt 1:3, nwtsty)
Mt 3:11—Twemezwa n’iki ko ibatisimu igirwa mu kwibiza mu mazi umuntu wese uko yakabaye? (“ndababatirisha” amakuru adufasha kwiga Mt 3:11, nwtsty)
Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi cakwigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Hari ubundi butunzi woba warabonye mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Mt 1:1-17
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Akavidewo ka mugihura: (Imin. 4) Nimurabe ako kavidewo mwongere mukaganireko.
Usubiyeyo ubwa mbere: (Imin. 3 canke idashika) Raba Ingene twotanguza ibiyago.
Inyigisho: (Imin. 6) bhs 41-42 ing. 6-7
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Raporo y’umwaka w’umurimo: (Imin. 15) Insiguro itangwa n’umukurambere. Mumaze gusoma ikete rivuye ku biro vy’ishami rijanye na raporo y’umwaka w’umurimo, nubaze ibibazo abamamaji wacaguye imbere y’igihe bafise ivyabonywe bidasanzwe biboneye mu ndimiro mu mwaka uheze.
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) jy ikig. 2
Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 137 n’isengesho