Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ugeze he ugana kw’ibatisimu?

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nuhitemwo gukorera Yehova

Nuhitemwo gukorera Yehova

Nimba ukiri muto canke umutohoji wa Bibiliya, woba ufise umugambi wo kubatizwa? Kubera iki ukwiye kwipfuza kubatizwa? Kwiyegurira Yehova maze ukabatizwa ni intango yo kugiranira na we ubucuti budasanzwe. (Zb 91:1) N’ikindi kandi, bizotuma urokoka. (1Pt 3:21) Wokora iki none kugira ubishikeko?

Niwiyemeze neza ko uri mu kuri. Hagize ikibazo kivyuka muri wewe, nugire ubushakashatsi bwiyongereye. (Rm 12:2) Niwisuzume umenye ivyo ukwiye kuryohora kandi wiyemeze ko ubitumwe n’icipfuzo co guhimbara Yehova. (Img 27:11; Ef 4:23, 24) Niwame umusenga kugira agufashe. Nuhere amazinda ko Yehova azogukomeza yongere agushigikire biciye ku bushobozi bw’impwemu nyeranda yiwe. (1Pt 5:10, 11) Akigoro kose ugira si ak’impfagusa. Gukorera Yehova ni bwo buzima bwiza kuruta!​—Zb 16:11.

RABA IVIDEWO IVUGA NGO INZIRA ISHIKANA KW’IBATISIMU, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ni intambamyi izihe bamwebamwe batsinze kugira babatizwe?

  • Ushobora gute gutsimbataza ukwizera ukeneye kugira wiyegurire Yehova?

  • Ni ibiki vyatumye bamwebamwe bakora ibikenewe kugira bakwize ibisabwa vyo kubatizwa?

  • Abahitamwo gukorera Yehova bironkera imihezagiro iyihe?

  • Kwiyegura no kubatizwa bisobanura iki?