Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nuzigame umubano wanyu

Nuzigame umubano wanyu

Yehova abona ko indagano z’ukwabirana zihambaye cane. Yavuze ko umugabo n’umugore bategerezwa kubana akaramata. (Mt 19:5, 6) Hariho abubakanye benshi b’intangakarorero mu basavyi b’Imana. Naho ari ukwo, kubera ko ata mubano n’umwe utunganye, ingorane ntizibura gushika. Ntidukwiye rero kwigana ingendo ya benshi babona ko gutandukana no kwahukana ari wo muti igihe abubakanye bafitaniye ingorane. None abakirisu bubakanye bozigama gute umubano wabo?

Zirikana ibintu bitanu bihambaye.

  1. Nuzigame umutima wawe mu kwirinda gukwegana n’abo mudasangiye igitsina canke kwisamaza kurimwo ubuhumbu kuko ata kindi bishikako uretse kwonona umubano.​—Mt 5:28; 2Pt 2:14.

  2. Nukomeze ubucuti ufitaniye n’Imana wongere wihatire gutuma ihimbarwa n’umubano wanyu.​—Zb 97:10.

  3. Nubandanye kwambara wa muntu mushasha kandi ukore ibintu bitobito biranga ubuntu bizotuma uwo mwubakanye yoroherwa mu buzima.​—Kl 3:8-10, 12-14.

  4. Nimwame muyaga mu buryo burimwo icubahiro kandi bwubaka.​—Kl 4:6.

  5. Nimurangure amabanga y’abubatse mubigiranye ikibabarwe n’urukundo.​—1Kr 7:3, 4; 10:24.

Igihe abakirisu bateye iteka umubano, baba bateye iteka uwawutanguje ari we Yehova.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO DUTEGEREZWA ‘KWIRUKA TWIHANGANYE’​—NUKURIKIZE AMATEGEKO Y’ISIGANWA, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Naho umubano wotangura neza, ni ingorane izihe zoshobora kwaduka?

  • Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zofasha gute abumva ko umubano wabo utakirangwamwo urukundo?

  • Nimwisunge impanuro za Bibiliya kugira muhimbarwe mu mubano

    Ni amategeko ayahe Yehova yashingiye umubano w’ababiranye?

  • Kugira abubakanye baroranirwe, ni ibiki umwe wese muri bo asabwa gukora?