UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Amahwaniro ya buri mwaka ni akaryo ko kugaragaza urukundo
Kuki dukunda cane amahwaniro tugira buri mwaka? Cokimwe no muri Isirayeli ya kera, ayo mahwaniro araturonsa kenshi akaryo ko gusenga Yehova turi kumwe n’abo dusangiye ukwizera amajana canke mbere ibihumbi. Turaryoherwa n’inzimano umukimba z’ivy’impwemu turonka. Vyongeye, turahimbarirwa ikiringo c’agaciro tumarana n’incuti be n’abagenzi. Kubera ko tubikenguruka cane, biratuma twitaba imisi yose y’ihwaniro uko ari itatu.
Igihe turonse akaryo ko gukoranira hamwe n’abandi, ntidukwiye kwiyumvira gusa ingene ubwacu twohungukira, ariko turakwiye kwiyumvira n’ingene twogaragariza abandi urukundo. (Gl 6:10; Heb 10:24, 25) Iyo twirinze kuzibira inzira canke igihe dufashe ibibanza dukenera gusa, tuba twerekanye ko twitwararika ineza y’abandi. (Fp 2:3, 4) Amahwaniro araturonsa uturyo twiza two kuronka abagenzi bashasha. Imbere canke inyuma ya programa no mu gihe c’akaruhuko, turashobora kwishingira umugambi wo kumenyana n’abo tutazi. (2Kr 6:13) Ubugenzi dutsimbataza muri ivyo biringo burashobora kuba ubw’ibihe bidahera! N’ikiruta vyose, igihe abatwitegereza babona ingene dukundana vy’ukuri mu vyo dukora, boshobora gufata ingingo yo kwifatanya natwe mu gukorera Yehova.—Yoh 13:35.
RABA IVIDEWO IVUGA NGO AMAHWANIRO MPUZAMAKUNGU YATAZIRIWE NGO “URUKUNDO NTIRWIGERA RUNANIRWA”!, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
-
Abitavye amahwaniro mpuzamakungu yo mu 2019 bavuye mu bindi bihugu, babagaragarije urukundo gute?
-
Kubera iki ubumwe n’urukundo biranga abasavyi ba Yehova ari imbonekarimwe?
-
Abagize Inama Nyobozi bashimitse ku mice iyihe y’urukundo rwa gikirisu?
-
Ni gute urukundo rwa gikirisu rwatumye abavukanyi bunga ubumwe mu Budagi no muri Koreya y’Epfo?
-
Dukwiye kwiyemeza iki?