UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Umwaka wa Yubile uratwibutsa umwidegemvyo wo muri kazoza
Umwaka wa Yubile watuma Abisirayeli bataguma mu madeni no mu bukene ubuzima bwabo bwose (Lw 25:10; it-2 137-138; raba ishusho yo ku gipfukisho)
Kugurisha itongo ahanini kwari ukurikotesha bisunze agaciro k’ivyimburwa ryotanze (Lw 25:15; it-1 1107 ing. 7)
Yehova yarahezagira abasavyi biwe igihe bagamburutse itegeko rijanye n’umwaka wa Yubile (Lw 25:18-22; it-2 70)
Vuba abantu b’abizigirwa bazokwungukira bimwe bishitse ku vyiza vya Yubile y’ikigereranyo igihe bazoba bakuweko burundu icaha n’urupfu.—Rm 8:21.
Umwe wese muri twebwe ategerezwa gukora iki kugira aronke umwidegemvyo Yehova yasezeranye?