UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Umwidegemvyo wo muri kazoza tuwukesha Imana na Kristu
Ni ibiki uhangana na vyo buri musi? Woba uri serugo afise amabanga menshi abwirizwa kwitwararika? Woba wireranye abana, ukaba ugerageza kwita ku rutare kugira uronke icorirenza? Woba ukiri muto, ukaba utotezwa n’abo mu runganwe kw’ishure? Woba ufise amagara make canke uriko urahangana n’ingaruka z’ubusaza? Umwe wese usanga afise ingorane. Abakirisu benshi barahangana n’ingorane nyinshi mu mwanya umwe. Ariko rero, turazi ko Yehova agiye kuzidukurako.—2Kr 4:16-18.
Mu kurindira, turaremeshwa no kumenya ko Yehova atahura ingorane ducamwo, agaha agaciro ukudahemuka n’ukwihangana kwacu kandi ko atubikiye imihezagiro myinshi. (Yr 29:11, 12) Na Yezu ubwiwe aratwitwararika. Uko twebwe abakirisu dushitsa ivyo dusabwa, adukura amazinda ati: “Ndi kumwe namwe.” (Mt 28:20) Igihe dufata akanya tukazirikana ku mwidegemvyo tuzoronka igihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza, birakomeza icizigiro cacu n’umwiyemezo wo kwihanganira ibigeragezo biriko biradushikira.—Rm 8:19-21.
RABA IVIDEWO IVUGA NGO UKO IKIRURA C’UMUYAGA CEGEREZA, NUGUME UHANZE AMASO YEZU!—IMIHEZAGIRO Y’UBWAMI IZOBA MURI KAZOZA, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
-
Vyagenze gute ngo abantu bigizwe kure y’Imana, kandi havuyemwo iki?
-
Abaguma ari abizigirwa kuri Yehova biteze kazoza kameze gute?
-
Kazoza keza igitangaza nk’ako gashoboka gute?
-
Ni imihezagiro iyihe yo mw’isi nshasha ushashaye kubona irangutse?