UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Bavyeyi, nimwigishe abana banyu ivyo bakwiye kumenya
Tubaye mw’isi yita iciza ikibi, ikibi na co ikacita iciza. (Yes 5:20) Ikibabaje, abantu bamwebamwe barakora ivyo Yehova yanka harimwo kwigenza nabi hagati y’abasangiye igitsina. Abo mu runganwe kw’ishure canke abandi, baragerageza kwosha abakiri bato bacu twikundira ngo bigane ingeso zabo. None wotegura gute abana bawe kugira bashobore guhangana n’ico kigeragezo hamwe n’ibindi bisa na co?
Nimwigishe abana banyu ingingo ngenderwako za Yehova. (Lw 18:3) Nimubigishe intambwe ku yindi ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye inyifato ibereye ku bijanye n’igitsina, mwisunze imyaka bafise. (Gus 6:7) Niwibaze uti: ‘Noba narigishije abana banje uburyo bubereye bwo kugaragarizanya igishika, akamaro ko kwambara rupfasoni be n’uko abandi babwirizwa kwubahiriza ibihimba vyabo vy’ibanga? Abana banje boba bazi ico bokora hagize uwugerageza kubereka amashusho y’ibiterasoni canke akabasaba gukora ivyo Yehova avuga ko ari bibi?’ Kumenya ibintu imbere y’igihe birashobora kubafasha kwirinda ingorane nyinshi. (Img 27:12; Ums 7:12) Wigishije abana bawe, uba werekanye ko ukunda intoranwa y’agaciro Yehova yaguhaye.—Zb 127:3.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NIWUBAKE INZU IDASHOKA ISENYUKA—NUKINGIRE ABANA BAWE NTIBAGWE MU “KIBI,” MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
-
Kubera iki bamwebamwe bagonanwa kwigisha abana babo ibijanye n’igitsina?
-
Kubera iki abavyeyi bakwiye kwigisha abana babo “mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze”?—Ef 6:4
-
Ni ibiki ishirahamwe rya Yehova rironsa abavyeyi kugira bibafashe kwigisha abana babo ibijanye n’igitsina?—w19.05 12, uruzitiro
-
Kubera iki ukwiye kwama uganira n’abana bawe imbere y’uko ingorane zaduka?