UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Twaratunganijwe kugira tubwire bose inkuru nziza
Nk’uko Yehova yatunganije neza Abisirayeli, aratunganya neza abasavyi biwe muri iki gihe kugira bakore ivyo agomba. Hirya no hino kw’isi, ibiro vy’amashami, imizunguruko n’imigwi yo gusohoka mu ndimiro, vyose birakorera hamwe kugira inkuru nziza ishobore kwamamazwa. Turabwira inkuru nziza uwo ari we wese, ushizemwo n’abavuga izindi ndimi.—Ivy 14:6, 7.
Woba umaze kwiyumvira kwiga urundi rurimi kugira ufashe abandi kumenya ukuri? Naho woba udafise umwanya ukwiye wo kwiga ururimi, urashobora gukoresha ka gaprograma ka JW Language kugira umenye uburyo bwo gutanguza ikiyago bworoshe. Niwamara kugakoresha mu ndimiro, urashobora kwironkera umunezero nk’uwo abavukanyi bacu bo mu kinjana ca mbere bagize igihe abantu bo mu bindi bihugu bumirwa bumvise “ibintu vy’agatangaza vy’Imana” mu rurimi rwabo bwite.—Ivk 2:7-11.
RABA IVIDEWO IVUGA NGO NUBE UMUGENZI WA YEHOVA—TUBWIRE INKURU NZIZA ABANTU BAVUGA URURIMI TUTAZI, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
-
Ni ryari ka gaprograma ka JW Language kogufasha?
-
Ni ibintu bimwebimwe ibihe biyigize?
-
Ni indimi izihe abantu bavuga mu cibare canyu?
-
Wokora iki hagize umuntu avuga urundi rurimi ashimishwa n’ubutumwa bw’Ubwami?—od 100-101 ing. 39-41