Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ivyo Yehova yaremye biratuma turushiriza kwizigira ubukerebutsi bwiwe

Ivyo Yehova yaremye biratuma turushiriza kwizigira ubukerebutsi bwiwe

Yehova yoba yama azi ivyotubera vyiza? Ego cane. Nimba ivyo tuvyemera, turerekana ko dufise ubukerebutsi igihe dukurikiza ubuyobozi bwiwe. (Img 16:3, 9) Ariko, kwizigira ubuyobozi Yehova atanga birashobora kutubera urugamba igihe butandukanye n’uko tubona ibintu. Kuzirikana ku vyo Yehova yaremye birashobora gutuma turushiriza kwizigira ubukerebutsi bwiwe.​—Img 30:24, 25; Rm 1:20.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO VYOBA VYARIYADUKIJE? INGENE IBISURIRA VYIRINDA EMBOUTEILLAGE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ni ibiki ibisurira nka vyose bikora buri musi?

  • Ibisurira vyirinda gute ambuteyaje?

  • Ni ubuhinga ubuhe bikoresha abantu bakwiye kwigana?

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO VYOBA VYARIYADUKIJE? UBUHINGA BWO KUGURUKA BW’URUYUKI, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ni ingorane izihe abantu bagira igihe batwara indege ntonto?

  • Uruyuki rwitwa impingwe ruhangana gute n’umuyaga?

  • Abantu bashobora gute kuzokwungukira ku buhinga bwo kuguruka bw’urwo ruyuki?

Aho ubaye, wiboneye gute ubukerebutsi bwa Yehova mu vyaremwe?