Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO | NUKORE IVYOTUMA WONGEREZA UMUNEZERO MU BUSUKU

Nufashe abatohoji ba Bibiliya kwirinda abagenzi babi

Nufashe abatohoji ba Bibiliya kwirinda abagenzi babi

Kugira abiga Bibiliya babe abagenzi ba Yehova, bategerezwa guhitamwo abagenzi beza. (Zb 15:1, 4) Abagenzi beza bazotuma bakora ivyiza.​—Img 13:20; lff icigwa ca 48.

Nugaragaze impuhwe igihe ufasha abo wigisha kwirinda abagenzi babi. Guheba abagenzi bo mw’isi birashobora kutaborohera. Nubereke rero ko ubitwararitse vy’ukuri no mu bindi bihe uretse igihe mwiga Bibiliya. Woshobora kubandikira aka mesaje, ukabaterefona canke ukabagendera. Uko batera imbere, nuze urabatumira mujana kwiruhura muri kumwe n’abandi basavyi b’Imana. Ivyo bizotuma bibonera ko ivyo bariko barunguka ari vyinshi kuruta ivyo bariko barahomba. (Mr 10:29, 30) Na wewe uzohimbarwa no kubona ingene umuryango wa Yehova uriko uraguka.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NUFASHE ABO WIGISHA BIBILIYA KWIRINDA ABAGENZI BABI, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Abagenzi babi bameze gute?​—1Kr 15:33

  • Jade yiyumvira ko umutororokano w’abakirisu uba umeze gute?

  • Neeta yafashije gute Jade kuronka abagenzi beza?