Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO | NUKORE IVYOTUMA WONGEREZA UMUNEZERO MU BUSUKU

Nufashe abatohoji ba Bibiliya kwitaba amakoraniro

Nufashe abatohoji ba Bibiliya kwitaba amakoraniro

Amakoraniro y’ishengero ni umuce uhambaye w’ugusenga gutyoroye. (Zb 22:22) Abakoranira hamwe kugira basenge Yehova bararonka umunezero n’imihezagiro. (Zb 65:4) Abiga Bibiliya akenshi baranyaruka gutera imbere igihe bitaba amakoraniro badahorereza.

Wofasha gute abo wigisha Bibiliya kwitaba amakoraniro? Nugume ubatumira. Nubereke ya videwo Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga. Nubasigurire akamaro ko kwitaba amakoraniro. (lff icigwa ca 10) Woshobora kubabwira iciyumviro kanaka wize mw’ikoraniro canke ico tuzokwiga kw’ikoraniro ryimirije. Nubahe ibitabu muzokoresha kw’ikoraniro. Nubabwire kandi ko wobafasha. Nk’akarorero, bashobora kuba bakeneye uburyo bwo gushika kw’ikoraniro. Uwo wigisha Bibiliya niyitaba ikoraniro ari ryo rya mbere, uzobona ko ako kigoro wagize katabaye impfagusa.​—1Kr 14:24, 25.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NUFASHE ABO WIGISHA BIBILIYA KWITABA AMAKORANIRO, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Neeta yafatiye ku ki kugira atumire Jade kw’ikoraniro?

  • Kubera iki turyoherwa iyo tubonye umutohoji wa Bibiliya yitavye amakoraniro?

  • “Ni ukuri Imana iri kumwe namwe”

    Ni igiki Jade yiboneye igihe yitaba ikoraniro ari ryo rya mbere?