Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Niwitegurire ubu ibijanye no kuvurwa mu buryo bwihutirwa

Niwitegurire ubu ibijanye no kuvurwa mu buryo bwihutirwa

Kubera iki wokwitegura? Birashobora kuba ngombwa ko uvurwa mu buryo bwihutirwa canke ukinjira ibitaro utari uvyiteze. Ku bw’ivyo, imbere y’uko haduka ikibazo co kuvurwa mu buryo bwihutirwa niwitegure kugira uzoshobore kuronka uburyo bwo kuvurwa bwizigiwe kuruta ubundi. Ubigenjeje gutyo, uba werekanye ko wubaha ubuzima n’itegeko rya Yehova rijanye n’amaraso.​—Ivk 15:28, 29.

Wokora iki mu kwitegura?

  • Nusenge wongere wuzuze uvyitondeye ka gakarata k’urwandiko ntabanduka rujanye n’ivy’ukuvurwa be n’uwokuvugira (DPA). a Abamamaji babatijwe boshobora gusaba umuvukanyi ajejwe ibitabu ako gakarata DPA na ka Gakarata karanzi (ic) ku bw’abana babo bakiri bato

  • Nimba wibungenze, nusabe abakurambere urukaratasi Amakuru agenewe abakenyezi bibungenze (S-401). Urwo rukaratasi ruzogufasha gufata ingingo nziza ku bijanye n’ibibazo vy’amagara vyovyuka igihe ucibungenze canke uriko uribaruka

  • Nimba bisaba ko uvurwa mu buryo bwoshobora gutuma havyuka ikibazo c’amaraso canke winjira ibitaro, nubimenyeshe abakurambere hakiri kare wongere umenyeshe ibitaro yuko woshima ko umukozi w’Imana wo mu Vyabona vya Yehova akugendera

Abakurambere bofasha gute? Barashobora kugufasha kwuzuza agakarata DPA kawe. Ariko rero, abakurambere ntibazogufatira ingingo ku bijanye n’ivy’ubuvuzi canke ngo bavuge uko babona ibintu ku bibazo vyega umuntu ku giti ciwe. (Rm 14:12; Gl 6:5) Igihe umenyesheje abakurambere ko uriko urivuza mu buryo bushobora gutuma havyuka ikibazo c’amaraso, bazoca bihutira kubibwira Komite ija inama n’ibitaro.

Komite ija inama n’ibitaro yofasha gute? Abavukanyi bari muri Komite ija inama n’ibitaro baramenyerejwe gufasha abaganga n’abajejwe ivy’amategeko gutahura ukuntu idini ryacu ribona ibijanye n’amaraso. Barashobora kuganira n’umuganga wawe uburyo bwo kukuvura hadakoreshejwe amaraso. Bikenewe, boshobora kugufasha kurondera umuganga yemera kukuvura adakoresheje amaraso.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO UKUNTU WOFATA INGINGO ZO KWIVUZA KU BIJANYE N’AMARASO, MUCE MWISHURA IKI KIBAZO:

  • Ni ibiki wize muri iyi videwo bishobora kugufasha kwitegurira uburyo bwo kwivuza busaba ko hakoreshwa amaraso?

a Icigwa ca 39 c’igitabu Kwiberaho ibihe bidahera kirashobora kugufasha gufata ingingo zijanye no kwivuza igihe bisaba ko hakoreshwa amaraso.