UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Niwishingire imigambi yo mu kiringo c’Icibutso
Buri mwaka, abasavyi ba Yehova bama bashashaye guhimbariza hamwe Icibutso. Mu ndwi z’imbere y’Icibutso n’inyuma yaco, turungukira ku turyo tudasanzwe two gushemeza Yehova no kumukengurukira kubera ingabire y’incungu yaduhaye. (Ef 1:3, 7) Nk’akarorero, turihatira gutumira abandi ku Cibutso. Hari abashobora kugira ivyo bahinduye kugira bakore ubutsimvyi bwo gufasha bw’amasaha 30 canke 50 muri Ntwarante canke Ndamukiza. Woba woshima kwongereza umwanya umara mu ndimiro muri iki kiringo c’Icibutso? Ni igiki cogufasha kuroranirwa?
Akenshi, turagira vyinshi dushitseko igihe dutegekanije ibintu imbere y’igihe. (Img 21:5) Kubera ko ikiringo c’Icibutso cegereje cane, iki ni co gihe co gutangura kugira ivyo dutunganije. Nuzirikane ukuntu woshima kwagura umurimo mu kiringo c’Icibutso maze wiyumvire ico wokora kugira ushike kuri iyo migambi yawe. Nuce usaba Yehova ahezagire utwigoro twawe.—1Yh 5:14, 15.
Woba wozirikana uburyo bumwebumwe wokwagura umurimo mu kiringo c’Icibutso?