UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Nukomeze icipfuzo ufise co gukora ivyo Imana igomba
Kubera ko Sauli yagambaraye, Yehova yaramuhevye (1Ng 10:13, 14)
Yehova yatoye Dawidi ngo abe umwami mu kibanza ca Sauli (1Ng 11:3)
Dawidi ntiyabaye nka Sauli kuko wewe yemeye kuyoborwa n’amategeko ya Yehova be n’ingingo ngenderwako ziwe (1Ng 11:15-19; w12 15/11 6 ing. 12-13)
Dawidi yarahimbarwa no gukora ivyo Imana igomba. (Zb 40:8) Turashobora gutsimbataza icipfuzo nk’ico nyene co gukora ibigorotse mu kwiga kubona ibintu nk’uko Yehova abibona.—Zb 25:4; w18.06 17 ing. 5-6.