Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

15-21 Nzero

YOBU 36-37

15-21 Nzero

Ururirimbo rwa 147 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Igituma wokwizigira umuhango Imana yatanze w’ubuzima budahera

(Imin. 10)

Yehova ubwiwe yamaho ibihe bidahera (Yb 36:26; w15 1/10 13 ing. 1-2)

Yehova arafise ubukerebutsi n’ububasha bwo gutuma ubuzima bubandanya (Yb 36:​27, 28; w20.05 22 ing. 6)

Yehova aratwigisha ingene tworonka ubuzima budahera (Yb 36:​4, 22; Yoh 17:3)


Kwizera cane umuhango Imana yatanze w’ubuzima budahera bituma tubaho dutekanye.—Heb 6:19; w22.10 28 ing. 16.

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Yb 37:20—Akenshi abantu bahanahana amakuru gute mu bihugu bivugwa muri Bibiliya? (it-1 503)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) KU MUGARAGARO. (lmd icigwa ca 3 iciyumviro ca 3)

5. Gukurikirana abashimishijwe

(Imin. 4) INZU KU NZU. (lmd icigwa ca 2 iciyumviro ca 5)

6. Gusigura ivyo wemera

(Imin. 5) Insiguro. ijwfq 57 ing. 5-15—Umutwe: Kubera iki Ivyabona vya Yehova bahamwe mu gihe ca rya honyabwoko ryagirwa n’Abanazi? (th icigwa ca 18)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 49

7. Niwitegurire ibihe bisaba ko uvurwa mu buryo bukomeye canke ubagwa

(Imin. 15) Guhana ijambo. Gishikirizwe n’umukurambere.

Ishirahamwe rya Yehova ryaraduhaye ibikoresho kugira ridufashe kugamburuka itegeko ry’Imana rijanye n’amaraso. (Ivk 15:​28, 29) Woba uriko urabikoresha neza?

Agakarata k’urwandiko ntabanduka rujanye n’ivy’ukuvurwa be n’uwokuvugira (DPA) n’Agakarata karanzi (ic): Utwo dukarata turerekana ihitamwo umurwayi yagize ku bijanye n’ukuvurwa hadakoreshejwe amaraso. Abamamaji babatijwe barashobora gusaba uwujejwe ibitabu agakarata DPA hamwe n’Agakarata karanzi ku bw’abana babo batoyi. Utwo dukarata dukwiye kutugendana igihe cose. Nimba ukeneye kukuzuza canke kugashira ku gihe, nubigire mu maguru masha.

Amakuru agenewe abakenyezi bibungenze (S-401) n’Amakuru agenewe abarwayi bisaba ko babagwa canke bagirirwa chimiothérapie (S-407): Izo nkaratasi ziradufasha kwitegurira neza kuvurwa mu buryo bukomeye harimwo n’ubwotuma havyuka ikibazo c’amaraso. Nimba wibungenze canke ukeneye kubagwa canke kuvurwa kanseri, nusabe abakurambere baguhe ikopi y’urukaratasi ruhuje n’uko ivyawe vyifashe.

Komite ija inama n’ibitaro: Abari muri Komite ija inama n’ibitaro ni abakurambere bakwije ibisabwa biteguriye kuronsa abaganga n’abamamaji amakuru ajanye no kuvurwa hadakoreshejwe amaraso. Barashobora kubwira umuganga wawe ubuhinga yokoresha mu kukuvura ataguteye amaraso. Igihe bikenewe, barashobora kugufasha kurondera umuganga yemera kukuvura adakoresheje amaraso. Baraboneka amasaha 24 kuri 24, kandi imisi yose. Igihe cose bisabwe ko winjira ibitaro, ubagwa canke uvurwa mu buryo bukomeye, nko kuvurwa kanseri, nuce witura Komite ija inama n’ibitaro mu maguru masha naho woba ubona ko ata kibazo c’amaraso kiza kuvyuka. Ivyo kandi birerekeye abakenyezi bibungenze. Nimba bikenewe, nusabe abakurambere baguhe amakuru y’ukuntu wotora abari muri iyo komite.

Nimurabe IVIDEWO Komite zija inama n’ibitaro zidufasha gute? Nuce ubaza uti:

Komite ija inama n’ibitaro yogufasha gute igihe ukeneye kuvurwa bikomeye canke kubagwa?

8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 67 n’isengesho