Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

19-25 Ruhuhuma

ZABURI 8-10

19-25 Ruhuhuma

Ururirimbo rwa 2 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. «Ewe Yehova, nzoguhaya»

(Imin. 10)

Yehova ni mwiza bihebuje kuri twebwe (Zb 8:​3-6; w21.08 3 ing. 6)

Turahaya Yehova duhimbawe mu kubwira abandi ibikorwa vyiwe vy’agatangaza (Zb 9:1; w20.05 23 ing. 10)

Turamuhaya kandi igihe tumuririmbira n’umutima wacu wose (Zb 9:2; w22.04 7 ing. 13)

NIWIBAZE UTI: “Ni mu bundi buryo ubuhe nohaya Yehova?”

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 8:3—Umwanditsi wa Zaburi yashaka kuvuga iki igihe yavuga intoke z’Imana? (it-1 663)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) INZU KU NZU. Umunyamuhana akubwiye ko atemera Imana. (lmd icigwa ca 5 iciyumviro ca 4)

5. Gukurikirana abashimishijwe

(Imin. 4) AKARYO KIZANYE. Mu kiyago giheruka, uwo muntu yari yakubwiye ko atemera Imana, ariko ko yiteguriye gusuzuma ibimenyamenya vyerekana ko hariho Umuremyi. (th icigwa ca 7)

6. Insiguro

(Imin. 5) w21.06 6-7 ing. 15-18—Umutwe: Nufashe abo wigisha Bibiliya bashemeze Yehova. (th icigwa ca 10)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 10

7. Ingene wokwamamaza akaryo kizanye mu buryo busanzwe

(Imin. 10) Guhana ijambo.

Uburyo bumwe tworushiriza gushemeza Yehova ni ukubwira inkuru nziza abo duhura mu bikorwa vyacu vya misi yose. (Zb 35:28) Mu ntango, turashobora kugira ubwoba bwo kwamamaza akaryo kizanye. Ariko iyo twize ingene twotanguza ikiyago n’ukuntu twokibandanya mu buryo busanzwe, vyoshobora kutworohera kandi bikanaturyohera!

Nimurabe IVIDEWO Niwitegurire kuvuga “inkuru nziza y’amahoro”—Niwibwirize. Nuce ubaza uti:

Ni ibiki wize muri iyi videwo vyogufasha kurushiriza kuba kirumara mu kwamamaza akaryo kizanye?

Ibi vyiyumviro bikeyi vyoshobora kugufasha gutanguza ikiyago:

  •   Nugume ureretse uturyo two gutanguza ibiyago igihe cose uvuye muhira. Nubishire mw’isengesho, usabe Yehova akwerekeze ku bantu bafise agatima kabereye

  •   Nuyagishe umuntu muhuye n’umutima mwiza kandi umwereke ko umwitwararitse. Nurondere kumenya ikintu cerekeye uwo muntu cogufasha kumenya icanditswe comushimisha

  •   Nimba bibereye, nimuhane inimero za telefone

  •   Ntucike intege igihe ikiyago kirangiye utaramubwira inkuru nziza

  •   Nugume uzirikana uwo muntu n’igihe mumaze kuvana. Nubandanye kwerekana ko umwitwararika mu kumurungikira icanditswe canke ikiganiro co kuri jw.org

Nugerageze iki kintu: Nimba hari uwukubajije ati: “Wikendi yagenze gute?”, nuce umubwira ikintu wize kw’ikoraniro canke ikintu kijanye n’igikorwa ukora co kwigisha Bibiliya.

8. Ibikenewe iwanyu

(Imin. 5)

9. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 65 n’isengesho