Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

22-28 Nzero

YOBU 38-39

22-28 Nzero

Ururirimbo rwa 11 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Woba ufata akanya ko kwihweza ivyaremwe?

(Imin. 10)

Yehova ahejeje kurema isi, yarafashe akanya arasuzuma igikorwa ciwe (It 1:​10, 12; Yb 38:​5, 6; w21.08 9 ing. 7)

Abamarayika barafashe akanya barihweza ivyo Yehova yaremye (Yb 38:7; w20.08 14 ing. 2)

Dufashe akanya ko kwihweza ivyaremwe kandi tukabikenguruka, vyotuma turushiriza kwizigira Yehova (Yb 38:​32-35; w23.03 17 ing. 8)

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Yb 38:​8-10—Iyo mirongo itwigisha iki ku bijanye no kuba Yehova ashinga amategeko? (it-2 122)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 2) AKARYO KIZANYE. Nurangize ikiyago mu buryo bwiza igihe ubonye ko uwo muntu adashaka kuvuga. (lmd icigwa ca 2 iciyumviro ca 3)

5. Gukurikirana abashimishijwe

(Imin. 5) INZU KU NZU. Igihe muheruka kuganira, uwo muntu yakubwiye ko aheruka kubura uwiwe. (lmd icigwa ca 9 iciyumviro ca 3)

6. Insiguro

(Imin. 5) lmd inyongera ya A iciyumviro ca 1—Umutwe: Ibintu biriko biraba n’ukuntu abantu bigenza birerekana ko vuba ibintu bigiye guhinduka. (th icigwa ca 16)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 111

7. Kwihweza ivyaremwe biradufasha kutagumiza umutima ku bitwerekeye

(Imin. 15.) Guhana ijambo.

Igihe Yobu yari ahanganye n’ibitero vya ba bagenzi biwe batatu n’ivya Shetani, yagumije umutima ku ngorane ziwe no ku kuntu bariko baramwagiriza ibinyoma.

Soma Yobu 37:14. Nuce ubaza uti:

Ni ibiki Yobu yari akeneye gukora kugira asubire kubona ibintu mu buryo bwiza?

Igihe turengewe n’ingorane, kwihweza ivyaremwe vyodufasha kwibuka ukuntu Yehova ahambaye, bigakomeza icipfuzo dufise co kuguma turi intahemuka kuri we kandi bigatuma turushiriza kwizigira ko ashoboye kutwitwararika.—Mt 6:26.

Nimurabe IVIDEWO Igitabu ca Yobu kiratwigisha ibijanye n’ibikoko. Nuce ubaza uti:

Iyo videwo yagufashije gute kurushiriza kwizigira Yehova?

8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 54 n’isengesho