Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

26 Ruhuhuma–3 Ntwarante

ZABURI 11-15

26 Ruhuhuma–3 Ntwarante

Ururirimbo rwa 139 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Niwihe ishusho uri mw’isi nshasha y’Imana irangwa amahoro

(Imin. 10)

Ubukozi bw’ikibi tubona muri iki gihe buterwa n’uko abantu bagarariza amategeko (Zb 11:​2, 3; w06 15/5 18 ing. 3)

Twokwizigira ko vuba Yehova azokuraho ubukozi bw’ikibi (Zb 11:5; wp16.4 11)

Kuzirikana ku bukiriro Yehova adusezeranira vyodufasha kurindira isi nshasha twihanganye (Zb 13:​5, 6; w17.08 6 ing. 15)

NUGERAGEZE IKI KINTU: Nusome Ezekiyeli 34:​25, uce ufata akanya wihe ishusho uri ahantu harangwa amahoro nk’ayavuzwe muri ico canditswe.—kr 236 ing. 16.

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 14:1—Abakirisu bashobora gute kwandukirwa n’agatima kavuzwe muri ico canditswe? (w13 15/9 19 ing. 12)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 2) AKARYO KIZANYE. Numutumire ku Cibutso. (lmd icigwa ca 5 iciyumviro ca 3)

5. Gutanguza ikiyago

(Umun. 1) INZU KU NZU. Numutumire ku Cibutso. (lmd icigwa ca 3 iciyumviro ca 4)

6. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) INZU KU NZU. Arakira neza ubutumire bw’Icibutso. (lmd icigwa ca 7 iciyumviro ca 4)

7. Guhindura abantu abigishwa

(Imin. 5) lff icigwa ca 13: Incamake, Wize iki? na Umugambi wokwishingira. Nukoreshe ikiganiro wakuye mu gice «Rondera n’ibindi» kugira ufashe uwo wigisha gutahura ingene Imana ibona idini ry’ikinyoma. (th icigwa ca 12)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 8

8. «Ubukerebutsi buraruta ibirwanisho»

(Imin. 10) Guhana ijambo.

Ubukozi bw’ikibi butera bwiyongera kw’isi yose. Yehova arazi ko kuba tubona ubwo bukozi bw’ikibi kandi bukatugirako ingaruka bishobora gutuma tugira amaganya menshi. Aratahura kandi ko dukeneye gukingirwa. Ijambo ryiwe Bibiliya ni bumwe mu buryo akoresha mu kudukingira.—Zb 12:​5-7.

Bibiliya irimwo ubukerebutsi “buruta ibirwanisho.” (Ums 9:18) Raba ingene izi ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya zodufasha kwikingira ubukozi bw’ikibi.

  • Ums 4:​9, 10—Niwirinde kuja ahantu hateye akaga uri wenyene

  • Img 22:3—Igihe uri mu bantu benshi, nugume witwararika kumenya ibiriko biraba iruhande yawe

  • Img 26:17—Ntiwite mu bihari bitakuraba

  • Img 17:14—Ubonye ahantu uri hashobora kwaduka ubugizi bwa nabi, nuhave. Nugume witandukanije n’abantu boba bariko bariyegeranya ngo baje mu migumuko

  • Lk 12:15—Ntukigere ushira ubuzima bwawe mu kaga urondera gukingira ivyo ufise

Nimurabe IVIDEWO Niwigane abagaragaje ukwizera, ntiwigane abatakugaragaje—Niwigane Henoki, ntiwigane Lameki. Nuce ubaza uti:

Akarorero ka Henoki kafashije gute uwo sebibondo gufata ingingo nziza no kuvyifatamwo neza mu gihe c’ubukozi bw’ikibi?—Heb 11:5

Mu bihe bimwebimwe, umukirisu yoshobora kubona ko akeneye gufata ingingo zibereye kugira yikingire canke akingire ivyo atunze. Aramutse abigize, yokora ibishoboka vyose kugira yirinde kwica umuntu bigatuma yagirwa n’amaraso.—Zb 51:14; raba «Ibibazo vy’abasomyi» mu Munara w’Inderetsi wo muri Mukakaro 2017.

9. Isekeza ry’Icibutso rizotangura ku wa gatandatu itariki 2 Ntwarante

(Imin. 5) Insiguro ishikirizwa n’umukurambere. Nuvuge uko mwatunganije ibintu ng’aho iwanyu ku bijanye n’isekeza, insiguro idasanzwe be n’Icibutso. Niwibutse abamamaji ko bashobora guhitamwo gukora ubutsimvyi bwo gufasha bw’amasaha 15 muri Ntwarante na Ndamukiza.

10. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 40 n’isengesho