Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

29 Nzero–4 Ruhuhuma

YOBU 40-42

29 Nzero–4 Ruhuhuma

Ururirimbo rwa 124 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Ivyo twokwigira ku vyashikiye Yobu

(Imin. 10)

Niwibuke ko ubona ibintu mu buryo buri n’aho bugarukira wigereranije na Yehova (Yb 42:​1-3; w10 15/10 3-4 ing. 4-6)

Niwemere impanuro uhabwa na Yehova n’ishirahamwe ryiwe (Yb 42:​5, 6; w17.06 25 ing. 12)

Yehova araha impera abaguma ari intahemuka kuri we naho boba bari mu ngorane (Yb 42:​10-12; Yak 5:11; w22.06 25 ing. 17-18)

Yehova yarahaye impera Yobu kubera ugutungana kwiwe

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Yb 42:7—Mu vy’ukuri, ba bagenzi batatu ba Yobu bariko batyoza nde, kandi kumenya ivyo vyodufasha gute kwihanganira abadutyekeza? (it-2 344)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) INZU KU NZU. Uwo muntu ari mw’idini ritari iry’abakirisu. (lmd icigwa ca 5 iciyumviro ca 3)

5. Guhindura abantu abigishwa

6. Insiguro

(Imin. 4) lmd inyongera ya A iciyumviro ca 2—Umutwe: Isi ntizokwigera irandurwa. (th icigwa ca 13)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 108

7. Nufashe abandi kubona ko Yehova abakunda

(Imin. 15) Guhana ijambo.

Turahimbawe kuba dusenga Imana y’urukundo. (1Yh 4:​8, 16) Kamere za Yehova ziratuma tumwiyegereza kandi tukamugumako. Kubera ko turi intama za Yehova, twese turumva ko adukunda.

Turihatira kwigana urukundo rwa Yehova mu kuntu dufata incuti zacu, abo dusangiye ukwizera n’abandi. (Yb 6:14; 1Yh 4:11) Tugaragaje urukundo, birafasha abandi kumenya Yehova kandi bakamwiyegereza. Ariko iyo tutagaragarije abandi urukundo, vyobagora kubona ko Yehova abakunda.

Nimurabe IVIDEWO Twarironkeye urukundo rwa gikirisu mu muryango wa Yehova. Nuce ubaza uti:

Ivyashikiye Lei Lei na Mimi bikwigisha iki mu bijanye n’akamaro ko kugaragaza urukundo?

Twokora iki kugira dufashe abo dusangiye ukwizera kubona ko Yehova abakunda?

8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 126 n’isengesho