8-14 Nzero
YOBU 34-35
Ururirimbo rwa 30 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)
1. Igihe umenga abantu beza ni bo bashikirwa n’ingorane
(Imin. 10)
Niwibuke ko Yehova atigera arenganya (Yb 34:10; wp19.1 8 ing. 2)
Vyoshika ukamenga abanyakibi ntibahanirwa ibibi bakora; ariko ntibashobora kwinyegeza Yehova (Yb 34:21-26; w17.04 10 ing. 5)
Uburyo bwiza cane bwo gufasha abashikiwe n’akarenganyo, ni ukubigisha ivyerekeye Yehova (Yb 35:9, 10; Mt 28:19, 20; w21.05 7 ing. 19-20)
2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
(Imin. 10)
Yb 35:7—Elihu yashaka kuvuga iki igihe yabaza Yobu ati: “Mbega hari ico vyungura Imana?” (w17.04 29 ing. 3)
Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
3. Igisomwa ca Bibiliya
(Imin. 4) Yb 35:1-16 (th icigwa ca 10)
4. Gutanguza ikiyago
(Imin. 3) INZU KU NZU. Nutanguze inyigisho. (lmd icigwa ca 10 iciyumviro ca 3)
5. Gutanguza ikiyago
(Imin. 4) AKARYO KIZANYE. Niwereke umuntu afise abana batoyi ingene yoronka kuri jw.org amakuru yofasha abavyeyi. (lmd icigwa ca 1 iciyumviro ca 4)
6. Guhindura abantu abigishwa
Ururirimbo rwa 58
7. Woba ufise icipfuzo co “kwamamaza rya jambo” akaryo kizanye?
(Imin. 15) Guhana ijambo.
Pawulo yahimirije Timoteyo ati: «Wamamaze rya jambo, uvyihatire.» (2Tm 4:2) Irivuga ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «uvyihatire» rimwe na rimwe ryarakoreshwa mu gisoda mu kuvuga umusoda canke umurinzi ari ku kirindiro ciwe yama yiteguriye kugira ico akoze. Iyo mvugo irerekana neza icipfuzo dufise co kwama tureretse uturyo two kubwira abandi inkuru nziza igihe turiko turayaga ibintu bisanzwe.
Urukundo dukunda Yehova no gukenguruka ibintu vyose adukorera, biratuvyurira umutima wo kubwira abandi kamere nziza afise.
Soma Zaburi 71:8. Uce ubaza uti:
Ni ibintu vyiza ibihe vyerekeye Yehova woshima kubwira abandi?
Urukundo dukunda abantu na rwo nyene ruratuvyurira umutima wo kwamamaza akaryo kizanye.
Nimurabe IVIDEWO Ingene abantu amajana bamenye ukuri. Nuce ubaza uti:
Ni gute kwamamaza akaryo kizanye vyatumye abantu amajana bamenya ukuri?
Abo bantu bahoze ari abanyedini, bungukiye gute ku kumenya ukuri?
Ni gute urukundo dukunda abantu rutuvyurira umutima wo kwamamaza akaryo kizanye?
Kubera iki ubona ko kwamamaza akaryo kizanye ari uburyo bwiza bwo gufasha abandi kumenya Yehova?
8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero
(Imin. 30) bt ikig. 4 uruzitiro ku rup. 37