Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

10-16 Ruhuhuma

ZABURI 147-150

10-16 Ruhuhuma

Ururirimbo rwa 12 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Turafise imvo nyinshi zo gushemeza Yehova

(Imin. 10)

Aratwitwararika umwe wese ku giti ciwe (Zb 147:​3, 4; w17.07 18 ing. 5-6)

Aradutahura kandi arafise ububasha bwo kudufasha (Zb 147:5; w17.07 18 ing. 7)

Aradutera agateka ko kuba mu basavyi biwe (Zb 147:​19, 20; w17.07 21 ing. 18)


NIWIBAZE UTI: «Ni ibiki kandi bituma nshemeza Yehova?»

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 148:​1, 10—Ni mu buryo ki «inyoni» zishemeza Yehova? (it-2 438)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) INZU KU NZU. Uwo muntu akubwiye ko arwaye indwara idakira. (lmd icigwa ca 2 iciyumviro ca 5)

5. Gutanguza ikiyago

(Imin. 4) AKARYO KIZANYE. Nurondere akaryo ko kubwira uwo muntu ivyo wize kw’ikoraniro riheruka. (lmd icigwa ca 4 iciyumviro ca 3)

6. Insiguro

(Imin. 5) w19.03 10 ing. 7-11—Umutwe: Niwumvirize Yezu, wamamaze inkuru nziza. Raba ifoto. (th icigwa ca 14)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 159

7. Raporo y’umwaka w’umurimo

(Imin. 15) Guhana ijambo.

Mumaze gusoma ikete rivuye ku biro vy’ishami rijanye na raporo y’umwaka w’umurimo, nusabe abumviriza bavuge ibindi bintu bishimishije biri muri Raporo yo kw’isi yose y’Ivyabona vya Yehova: Umwaka w’umurimo wa 2024. Nubaze ibibazo abamamaji wacaguye imbere y’igihe bafise ibintu biremesha biboneye mu ndimiro mu mwaka uheze.

8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 37 n’isengesho