Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

24 Ruhuhuma–2 Ntwarante

IMIGANI 2

24 Ruhuhuma–2 Ntwarante

Ururirimbo rwa 35 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Kubera iki wokwiyigisha Bibiliya ubigiranye umwete?

(Imin. 10)

Kuko vyerekana ko uha agaciro ukuri (Img 2:​3, 4; w22.08 18 ing. 16)

Kuko bigufasha gufata ingingo nziza (Img 2:​5-7; w22.10 19 ing. 3-4)

Kuko bituma ukwizera kwawe gukomera (Img 2:​11, 12; w16.09 23-24 ing. 2-3)

NIWIBAZE UTI: «Noryohora gute ukuntu niyigisha Bibiliya?»

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Img 2:7—Ni mu buryo ki Yehova ari «inkinzo ku baguma ari intungane»? (it-1 1195 ing. 4)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 4) INZU KU NZU. Numwereke ingene yoronka kuri jw.org amakuru yogirira akamaro abubakanye. (lmd icigwa ca 1 iciyumviro ca 3)

5. Gukurikirana abashimishijwe

(Imin. 3) AKARYO KIZANYE. Numuhe ikinyamakuru cishura ikibazo yabajije igihe muheruka kuganira. (lmd icigwa ca 9 iciyumviro ca 3)

6. Insiguro

(Imin. 5) lmd inyongera ya A iciyumviro ca 8—Umutwe: Umugabo n’umugore bakwiye kudahemukiranira. (th icigwa ca 13)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 96

7. Woba ukunda gucukura ubutunzi bunyegejwe?

(Imin. 15) Guhana ijambo.

Yemwe bakiri bato, mwoba mukunda gucukura ubutunzi bunyegejwe? Nimba mubikunda, Bibiliya ibasaba gucukura ubutunzi bufise agaciro kuruta ubundi bwose, ni ukuvuga ubumenyi bwerekeye Imana. (Img 2:​4, 5) Ubwo butunzi muburonka igihe murondera akanya ko gusoma Bibiliya mudahorereza kandi mukagira ubushakashatsi bwimbitse ku nkuru muba mwasomye. Ivyo birashobora kubaryohera kandi bikabagirira akamaro.

  • Ni ibibazo ibihe wokwibaza igihe usoma Bibiliya? (w24.02 32 ing. 2-3)

  • Ni ibikoresho ibihe wokoresha kugira uronke inyishu?

Ya mavidewo Niwigire ku bagenzi ba Yehova yogufasha kumenya ingene wozirikana ku vyo usoma muri Bibiliya.

Nimurabe IVIDEWO Niwigire ku bagenzi ba Yehova—Abeli.

Soma Itanguriro 4:​2-4 n’Abaheburayo 11:4. Nuce ubaza uti:

  • Abeli yerekanye gute ko ari umugenzi wa Yehova?

  • Abeli yakomeje gute ukwizera kwiwe?

  • Wokomeza gute ukwizera kwawe?

8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 102 n’isengesho