Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

27 Nzero–2 Ruhuhuma

ZABURI 140-143

27 Nzero–2 Ruhuhuma

Ururirimbo rwa 44 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Nukore uhuza n’isengesho watuye Yehova umusaba ngo agufashe

(Imin. 10)

Niwemere impanuro (Zb 141:5; w22.02 12 ing. 13-14)

Nuzirikane ivyo Yehova yadukoreye (Zb 143:5; w10 15/3 32 ing. 4)

Niwihatire kubona ibintu nk’uko Yehova abibona (Zb 143:10; w15 15/3 32 ing. 2)

Muri Zaburi 140-143 harimwo amasengesho Dawidi yatuye Yehova ngo amufashe ariko kandi harimwo n’amajambo yerekana ko yakoze ahuza n’ivyo yasavye.

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 140:3—Kubera iki Dawidi agereranya ururimi rw’ababisha n’urw’inzoka? (it-2 1134)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 4) AKARYO KIZANYE. Niwinjizemwo ikiyago gishingiye kuri Bibiliya uhejeje gufasha umuntu mu buryo buboneka. (lmd icigwa ca 3 iciyumviro ca 5)

5. Gukurikirana abashimishijwe

(Imin. 3) KU MUGARAGARO. Uwo muntu akubwiye ko afatiriwe. (lmd icigwa ca 7 iciyumviro ca 3)

6. Gusigura ivyo wemera

(Imin. 5) Umwerekano. ijwfq ikiganiro 21—Umutwe: Kubera iki mutemera guterwa amaraso? (th icigwa ca 7)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 141

7. Niwitegurire kuvurwa canke kubagwa

(Imin. 15) Guhana ijambo.

Yehova asezerana kuba «umutabazi yoroshe kuronka mu bihe vy’ivyago.» (Zb 46:1) Kuvurwa canke kubagwa birashobora kudutesha umutwe. Ariko Yehova yaraturonkeje ibikenewe vyose kugira tuvyitegurire. Nk’akarorero, ishirahamwe ryiwe ryarasohoye agakarata k’urwandiko ntabanduka rujanye n’ivy’ukuvurwa be n’uwokuvugira (DPA), Agakarata karanzi, a n’ayandi makuru ajanye n’ivyo kuvurwa. b Hariho kandi Komite zija inama n’ibitaro. Izo ntunganyo ziradufasha kugamburuka itegeko ry’Imana rijanye n’amaraso.—Ivk 15:​28, 29.

Nimurabe IVIDEWO Woba witeguriye ibibazo bijanye no kuvurwa? Nuce ubaza uti:

  • Bamwebamwe bungukiye gute ku kwuzuza agakarata DPA?

  • Bamwebamwe bungukiye gute ku biri mu rukaratasi Amakuru agenewe abakenyezi bibungenze (S-401)?

  • Kubera iki ari vyiza kwitura Komite ija inama n’ibitaro vuba bishoboka igihe cose bibaye ngombwa ko twinjira ibitaro, tubagwa, canke tuvurwa mu bundi buryo bukomeye, nk’igihe turwaye kanseri, naho womengo nta kibazo c’amaraso covyuka?

8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 103 n’isengesho

a Abamamaji babatijwe barashobora gusaba uwujejwe ibitabu agakarata DPA kabo hamwe n’Agakarata karanzi k’abana babo bakiri bato.

b Amakuru agenewe abakenyezi bibungenze (S-401), Amakuru agenewe abarwayi bisaba ko babagwa canke bagirirwa chimiothérapie (S-407), be n’Amakuru agenewe abavyeyi bafise umwana akeneye kuvurwa (S-55) uyakeneye woyasaba abakurambere.