Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

6-12 Nzero

ZABURI 127-134

6-12 Nzero

Ururirimbo rwa 134 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Bavyeyi, nimubandanye kwitwararika ingabire y’agaciro mwaronse

(Imin. 10)

Abavyeyi bohera amazinda ko Yehova azobafasha kwitwararika ivyo umuryango wabo ukeneye (Zb 127:​1, 2)

Abana ni ingabire y’agaciro iva kuri Yehova (Zb 127:3; w21.08 5 ing. 9)

Nimwigishe umwana umwumwe wese bivanye n’ivyo akeneye (Zb 127:4; w19.12 26 ing. 20)

Yehova arabishima iyo abavyeyi bamwihekako kandi bakitwararika abana babo uko bashoboye kwose

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Zb 128:3—Kubera iki umwanditsi wa zaburi agereranya abana n’imivyaro y’igiti c’umwelayo? (it-1 543)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) AKARYO KIZANYE. (lmd icigwa ca 1 iciyumviro ca 3)

5. Gutanguza ikiyago

(Imin. 4) AKARYO KIZANYE. Uwo muntu avuze ikintu kidahuye n’ivyo Bibiliya yigisha. (lmd icigwa ca 5 iciyumviro ca 4)

6. Guhindura abantu abigishwa

(Imin. 5) lff icigwa ca 16 iciyumviro ca 4-5. Nubwire iyo nyigisho yawe ingene watunganije ko azokwiga igihe uzoba udahari. (lmd icigwa ca 10 iciyumviro ca 4)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 13

7. Bavyeyi, mwoba muriko murigisha abana banyu biciye ku karorero mutanga?

(Imin. 15) Guhana ijambo.

Ishirahamwe rya Yehova riramaze gusohora ibintu vyinshi kugira rifashe abavyeyi kwigisha abana babo ivyerekeye Yehova. Ariko bumwe mu buryo bwiza kuruta ubundi bwo kwigisha abana, ni mu kubabera akarorero keza.—Gus 6:​5-9.

Yezu yarigishije abigishwa biwe mu kubabera akarorero keza.

Soma Yohani 13:​13-15. Nuce ubaza uti:

  • Wibaza ko ari kubera iki ubwo buryo Yezu yakoresheje bwo kwigisha akoresheje akarorero bwari ngirakamaro?

Muvyeyi, ivyo ukora biratuma abana bawe babona ko ivyo ubabwira ari ngirakamaro. N’ikindi kandi, igihe wereka abana bawe akarorero keza, barumviriza ivyo ubabwira kandi bakagamburuka ivyo ubigisha.

Nimurabe IVIDEWO Twigishije abana biciye ku karorero kacu. Nuce ubaza uti:

  • Ni ivyigwa bihambaye ibihe umuvukanyi Garcia n’umugore wiwe bigishije abakobwa babo?

  • Iyi videwo yagufashije gute kubandanya ubera akarorero keza abana bawe?

8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 73 n’isengesho