27 Ruheshi– 3 Mukakaro
ZABURI 52-59
Ururirimbo rwa 38 n’isengesho
Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Terera umuzigo wawe kuri Yehova”: (Imin. 10)
Zb 55:2, 4, 5, 16-18
—Dawidi vyarashika akagira amaganya menshi (w06 1/6 11 ing. 3; w96-F 1/4 27 ing. 2) Zb 55:12-14
—Umuhungu wiwe n’umugenzi somambike wiwe baramugiriye umugambi mubi (w96-F 1/4 30 ing. 1) Zb 55:22
—Dawidi yarizigira ko Yehova yomufashije (w06 1/6 11 ing. 4; w99-F 15/3 22-23)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)
Zb 56:8
—“Nushire amosozi yanje mu mukuza wawe w’urushato.” Ayo majambo asobanura iki? (w09 1/6 29 ing. 1; w08 1/10 26 ing. 3) Zb 59:1, 2
—Ivyashikiye Dawidi bitwigisha iki ku bijanye n’isengesho? (w08 15/3 14 ing. 13) Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi kinyigisha iki ku vyerekeye Yehova?
Ni ivyiyumviro ibihe vyo mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi nokoresha mu ndimiro?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Zb 52:1–53:6
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Mugihura: (Imin. 2 canke idashika) Shikiriza agapapuro k’inkuru nziza. Mubwire ibijanye na jw.org canke akamenyetso kari ku rupapuro rwa nyuma katujana kuri urwo rubuga.
Usubiyeyo: (Imin. 4 canke idashika) Nusubire kugendera umuntu yakiriye agapapuro k’inkuru nziza.
Inyigisho: (Imin. 6 canke idashika) fg icigwa 3 ing. 2-3
—Mu gusozera inyigisho, mubwire ivyerekeye akavidewo ko kuri jw.org kitwa Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana? umwereke n’aho yogasanga.
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ibikenewe iwanyu: (Imin. 7)
“Imana ni yo mufasha wanje”: (Imin. 8) Guhana ijambo. Nuhe abumviriza akaryo gakwiye ko kwishura ibibazo vyatanzwe kugira baremeshwe n’ivyo abandi baciyemwo. (Rm 1:12) Remesha abamamaji gukoresha Igitabu c’ubushakashatsi kugira baronke imfashanyo yo mw’Ijambo ry’Imana igihe bahuye n’ingorane.
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) ia ikig. 18 ing. 14-21, n’isubiramwo ry’ikigabane
Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 121 n’isengesho