UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro —Koresha amavidewo mu kwigisha
IGITUMA BIHAMBAYE:
Amavidewo arakora abantu ku mutima biciye ku vyo babona n’ivyo bumva. Aratuma bakurikira neza kandi ntibibagire ivyo babonye. Yehova ni we karorero ruheta mu bijanye no kwigisha hakoreshejwe ibintu abantu babona.
Utuvidewo Imana yoba ifise izina?, Bibiliya ikomoka kuri nde?, na Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana? turunganira icigwa ca 2 n’ica 3 vyo mu gatabu Inkuru nziza. Utuvidewo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?, Ingene dufasha abantu kwiga Bibiliya, n’akitwa Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga turaremesha abantu kwigana Bibiliya n’Ivyabona no kwitaba amakoraniro. Twoshobora no gukoresha amwe mu masinema yacu igihe tuyobora inyigisho.
UKO WOBIGIRA:
-
Voma videwo wipfuza kwerekana mu ndimiro
-
Tegura akabazo kamwe canke tubiri twishurwa muri iyo videwo wobaza umuntu
-
Nimurabire hamwe iyo videwo
-
Nimuganire ku vyiyumviro nyamukuru
GERAGEZA IBI:
-
Hindukiza agapapuro k’inkuru nziza wereke uwo muganira akamenyetso kamujana ku kavidewo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?
-
Erekana akavidewo Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana? wongere ushikirize agatabu Inkuru nziza wisunze icigwa ca 3