Niwizigire Yehova, ukore iciza
“Ntiwumvire agashari abakora ibitagororotse”
-
Ntureke ngo ugutunganirwa kw’igihe gito kw’abanyakibi kuguteshe gukorera Yehova. Gumiza umutima ku mihezagiro yo mu buryo bw’impwemu no ku migambi y’ivy’impwemu
“Niwizigire Yehova, ukore iciza”
-
Niwizigire ko Yehova azogufasha niwagira amakenga canke amaganya. Azogufasha kuguma uri umwizigirwa
-
Guma wamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana
“Nusoserwe na Yehova”
-
Tegekanya umwanya wo gusoma Ijambo ry’Imana no kurizirikanako ufise intumbero yo kurushiriza kumenya Yehova
“Nuragize Yehova inzira yawe”
-
Niwizigire udakeka ko Yehova azogufasha mu ngorane iyo ari yo yose
-
Gumana inyifato nziza igihe bakurwanije, baguhamye canke bakwambitse ibara
“Guma ucereje imbere ya Yehova, umurindire ubishashaye”
-
Ntiwihutagize ngo ukore ivyotuma utakaza umunezero, bikageramira n’ubucuti ufitaniye na Yehova
“Abatekereza bazokwigabira isi”
-
Nutekereze, wicishe bugufi urindire ko Yehova akuraho akarenganyo kose kagushikira
-
Nufate mu mugongo abo musangiye ukwizera. Nuremeshe abihebuye mu kubabwira ivyerekeye isi nshasha Imana yasezeranye igiye kuza