AGATABU K’IKORANIRO RY'UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU Ruheshi 2018
Ingene twotanguza ibiyago
Ibiyago bijanye n’ivyo Bibiliya yari yaravuze be n’umuhero.
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Yezu yarashikije ubuhanuzi
Muri ibi bintu vyabaye mu buzima bwa Yezu, nuhuze kimwekimwe cose n’ubuhanuzi bwari bwarakivuze.
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Nukurikire neza intambuko za Kristu
Yezu yaradusigiye akarorero twokwigana, canecane igihe turi mu bigeragezo canke mu ruhamo.
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Niwigane ukwicisha bugufi kwa Mariya
Yehova Imana yaracaguye Mariya amutera agateka k’imbonekarimwe, kuko yari afise ukwicisha bugufi kudasanzwe.
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Rwaruka, mwoba muriko murakomeza ukwizera kwanyu?
Yezu yaratanze akarorero keza mu kwitaho ivy’impwemu no mu kwubaha abavyeyi biwe.
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukorera Yehova
Igihe utagisha akaryo na kamwe ko kwigisha abana bawe, urashobora kubafasha gukorera Yehova badahemuka.
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Nunanire inyosha mbi nka kumwe kwa Yezu
Ni ikigwanisho gikomeye ikihe Yezu yikozeko mu kunanira ibintu bitatu bikunda kwosha nabi abantu?
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Niwirinde imitego ijanye n’ubuhinga bwa none
Cokimwe n’ibindi bikoresho, imbuga zo guhanahana amakuru biciye ku buhinga bwa none zirashobora kuba nziza canke mbi. Niwisunge ingingo ngenderwako zo mw’Ijambo ry’Imana kugira ubone ingeramizi maze uzirinde.